Congo Kinshasa ifite ministiri w'intebe mushya

Ahavuye isanamu, AFP
Samy Badibanga, Minsitiri w'intebe wa Congo Kinshasa
Perezida wa Republika iharanira Demokarasi ya Congo, yagenye umushikiranganji wa mbere, uwo nawe akaba ari Samy Badibanga, aturuka ku ruhande rw'abatavga rumwe n'ubutegetsi.
Ivyo umukuru w'igihugu yabikoze yisunze amasezerano yavuye mu biganiro hagati ya leta n'uruhande rw'abayirwanya mu kwezi guheze, ariko atemewe na bose.
N'amasezerano yemerera Kabila gukomeza gutegeka kugeza amatora yo kumusubiriza abaye, ayo nayo akaba ngo adashoboka imbere y' ukwezi kw akane muri 2018.
Abadashaka Kabila bo bavuga ategerezwa gukura akarenga kuwa 20 ukwezi kuza aho ikiringo ciwe ca 2 kirangirira, kuko ngo yetebeje amatora n' ibigirankana.