Cuba: ibirori vyo gusezera Fidel Castro i Havana

Abantu isinzi bahuriye ahitwa "Revolution Square" Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu isinzi bahuriye ahitwa "Revolution Square"

Abantu isinzi nibo bari muri ivyo birori vyabereye " Revolurion Square" i Havana bagaragaza icubahiro bafitiye nyakwigendera Fidel Castro yabohoje igihugu ca Cuba. Ivyo birori vyatangujwe n'ururirimbo ruhayagiza igihugu, birangira n'ijambo ryashikirijwe na murumuna wa Castro, Raul.

Ivyo birori vyitabwe n'abategetsi benshi bavuye mu mihingo itandukanye y'isi, ariko ibihugu bimwe bimwe bikaba vyashimye kurungika abaserukira abakuru b'ibihugu bavyo.

Fidel Castro yagiye ku butegetsi mu 1959, yitavye Imana ku munsi wa gatanu afise imyaka 90. Umunyota uvuye mu bisigarira vyiwe utegekanywa gushingugwa mu gisagara ca Santiago kiri buseruko bw'igihugu. Ku munsi wa Mungu uwo munyota uzobikwa mu itongo ry'abapfu riri ahitwa "Ifigenia Cemetery" aho incungu ya "independence" Jose Marti ashinguwe.

Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n'intwaro ya Fidel Castro, yari ishingiye ku mugambwe umwe .

Abamushigikiye bavuga ko yashoboye gusubiza abanyagihugu Cuba, bagashima bimwe mu vyo yaranguye nko ku bijanye n'ubuvuzi hamwe n'indero.

Abandi basanga ngo yakoresha intwaro y'agahotoro, mu gihe atihanganira abo batavuga rumwe muri politike.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Venezuela Nicolas Maduro, hagati, hamwe na Prezida Raul Castro wa Cuba

Ku munsi wa kabiri isinzi ry'abanyagihugu baririmba bati "revolisiyo ramba!" na "Fidel! Fidel!"igihe ibirori vyariko birabandanya.

Prezida Raul Castro ni we yasozeye ibirori asigura ko mukuru we Fidel yashikanye igihugu ku mahinduka mu kwicisha bugufi.

Mu bategetsi bashikirije amajambo harimwo umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki Alexis Tsipras. Abakuru b'ibihugu bitavye ivyo birori ni aba Mexique, Bolivie, Venezuela, Panama, Afrika yapfo na Zimbabwe.

Mu ijambo yashikirije, prezida wa Afrika yepfo Jacob Zuma yashimye intambwe Cuba igezeko mu vy'ubuvuzi n'indero hamwe n'imfashanyo y'ico gihugu ku bihugu vya Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida wa Zimbabwe Robert Mugabe muri ivyo birori

Kare ku munsi wa kabiri, abakuru b'ibihugu ba Bolivie na Venezuela, Evo Morales na Nicolas Maduro, bari mu bashize umukono mu gitabo co guhoza cashizwe ahitwa "Jose Marti memorial"hamanitse n'ifoto ya nyakwigendera.

Si benshi mu barongoye ibihugu vya Buraya baserutse muri ivyo birori.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyamenyesheje ko uwagenywe guserukira ico gihugu i Havana Jeffrey DeLaurentis, hamwe n'icegera c'umuhanuzi mu vy'umutekano w'igihugu Ben Rhodes ari bo bategekanya kwitaba ivyo birori.

Ku munsi wa mbere umukuru w'igihugu aheruka gutorwa Donald Trump yagabishije ko ashobora guhagarika imigenderanire na Cuba mu gihe kitoba citeguye kwumvikana ku masezerano meza kurusha ayahasanzwe.