Inzira ya gari ya moshi idasanzwe yatanguye gukora

Umuhora w'inzira ya gari ya moshi wa NEAT Gotthard Base Tunnel, niwo murere kurusha iyindi kw'isi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umuhora w'inzira ya gari ya moshi wa NEAT Gotthard Base Tunnel, niwo murere kurusha iyindi kw'isi

Inzira ya gari ya moshi ya mbere kw'isi mu burebure no kuba kure mu kuzimu, yatanguye gukora uno munsi mu gihugu c'Ubusuwisi.

Iyo nzira iri mu muhora ufise uburebure bw'ibirometero mirongo itanu n'indwi, ikaba iri munsi y'ubutaka gushika ku metero ibihumbi bibiri n'amajana atatu.

Ifisi inzira zibiri kandi zinyaruka, ikaba ihuza uburaruko n'ubumanuko bw'igihugu, ingenzi zigashobora kurengana akarere k'imisozi ka Alp mu minota cumi n'indwi, urwo rugendo rukaba rugabanutseko iminota mirongo itatu.

Umwanya wungukwa uzokwikuba kabiri ushike kw'isaha igihe umuhora wa Ceneri Base mu bumanuko uzotangura gukora mu mwaka wa 2020.

Umuhora wahoraho, Gotthard, wuguruwe mu 1882, uzobandanya ukora nk'inzira y'inyongera.