11 bahitanywe n'igisasu kw'isoko ry'imboga i Baghdad

Igisasu caturikiye kw'isoko rikuru ry'imboga mu muji wa Baghdad Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Igisasu caturikiye kw'isoko rikuru ry'imboga mu muji wa Baghdad

Abantu bashika cumi n'umwe bishwe i Baghdad, mu vyibazwa ko ari igisasu c'umwiyahuzi hafi y'isoko rikuru ry'imboga kuri uwo murwa mukuru.

Ico gisasu nyene cakomerekeje abandi bantu bashobora kuba bashika nka mirongo itanu.

Iryo soko riri muri komine ya Jamila ituwe ahanini n'Abaislam b'Abashia benshi mu karere ka Sadr City i Baghdad.

Umugwi Islamic State wavuze ko ariwo wagavye ico gitero.

IS yarongereje ibitero muri Irake, cane cane i Baghdad, kuva aho leta itanguriye kuyigabako ibitero vyo kuyirukana mu muji wa Mosul.