Ama "cassettes" ya Bob Marley yatowe inyuma y'imyaka 40

Ayo ma cassettes arimwo zimwe mu ndirimbo zakunzwe cane
Ama "cassettes" ariko indirimbo z'umuririmvyi w'umudiho wa reggae Bob Marley, zatowe mu cumba gikanye co mu kuzimu kw'ihoteri yo mu gisagara ca Londres inyuma y'imyaka 40.
Ayo ma "cassettes" nay'ukuri, yafashwe ku buhinga bwo hejuru, akabako indirimbo za reggae z'uwo mucuraranzi akomeye igihe yari yakoresheje ibiteramo mu bisagara vya Londres na Paris mu 1974 no mu 1978.
Arimwo indirimbo No Woman No Cry, Jamming na Exodus.
Nta muntu yokwiyumviye ko zotowe zigikomeye kubera amazi yari muri ico kibanza.
Marley, yitavye Imana mu 1981, yari kuba akwije imyaka 72 ku munsi wa mbere.
Ayo ma "cassettes" yatowe mu ihoteri ishaje i Kensal Rise, mu buraruko bushira uburengero bwa Londres, aho Bob Marley n'umurwi Wailers bashikiye igihe bavuza mu bisagara bitandukanye vya Buraya mu myaka ya 1970.
Igihe ziboneka, umugwizatunga akaba n'umukunzi wa Marley, Joe Gatt, yakuwe kuri terefone n'umugenzi amubwira ko ahejeje kuzitora ariko arimura ibintu.
Ahavuye isanamu, AP
Bob Marley yapfiriye i Miami mu 1981
Ayo ma "cassettes" yafatiwe mu biteramo vy'i Lyceum i Londres (1975), i Hammersmith Odeon (1976), i Rainbow, naho nyene i Londres (1977), hamwe no kuri Pavilion i Paris (1978).