Katumbi avuga ko azoja muri Kongo guherekeza Tshisekedi

Moise Katumbi ahakwa gufatwa niyahonyoza ikirenge muri Kongo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Moise Katumbi ahakwa gufatwa niyahonyoza ikirenge muri Kongo

Umunyepolike w'Umunyekongo atavuga rumwe na leta, Moise Katumbi, avuga ko azotahuka muri Kongo guherekeza Ethienne Tshisekedi aheruka kuryamira ukuboko kw'abagabo.

Ikiziga c'umuhisi Tshisekedi kiracari mu Bubirigi aho yacikaniye mu kwezi guheze ahitanywe n'uburwayi.

Leta n'abatavuga rumwe nayo bari mu mpari z'ukuntu bwana Tshisekedi agomba gushingurwa, bikaba bitaramenyakana igihe uwo muhango uzoberako.

Bwana Katumbi ahakwa gufatwa agatabwa muri yombi niyahonyora muri Kongo.

Yakatiwe igipfungo c'imyaka itatu, mu rubanza abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko rwari rufise imvo za politike.