Abanyarwanda baba muri Kenya bitavye amatora ya prezida

Abanyarwanda barenga 3000 baba mu gihugu ca kenya bitavye amatora y'umukuru w'igihugu
Abanyarwanda barenga ibihumbi bitatu baba mu gihugu ca Kenya bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu c'Urwanda.
Abo ni bamwe mu barenga ibihumbi 44, baba hanze y'igihugu bazindukiye guhitamwo umukuru w'igihugu agiye kubarongora mu myaka indwi iri imbere hagati ya Prezida Paul Kagame w'umugambwe wa FPR, Dr Franck Habineza wa Green Party hamwe na Philippe Mpayimana yitoza ku giti ciwe.
James Kimonyo aserukira Urwanda mu gihugu ca Kenya
Uwuserukira Urwanda muri Kenya, James Kimonyo avuga ko hiyandikishije abantu benshi.
"Abitavye aya matora bagera ku bihumbi bitatu, tukaba dufise ibibanza bibiri ariko araberamwo, ari vyo Mombasa na Nairobi", uko ni Kimonyo yavuze.
Nuru Busigo Hassan avuga ko ayo matora yamuhaye akaryo ko kwihitoramwo prezida n'aho atari mu gihugu ciwe
Nuru Busigo Hassan, umunyarwandakazi yari yaje gutora, avuga:"Twaje tuzindutse kandi turi benshi tuje gutora umukuru w'igihjugu c'Urwanda. Bifise insiguro ikomeye kuri jewe kubera uyu musi igihugu canje campaye akaryo ko gutora umukuru w'igihugu n'ubwo ntari mu gihugu".
Hirya no hino kw'isi hakaba hari ibibanza batoreramwo 98.
Igitigiri kinini c'abanyarwanda baba hanze kikaba kibarizwa muri Uganda no mu Bubiligi.
Umwe mu banyarwanda bari bahejeje gutora
Bitegekanijwe ko abanyarwanda bababa imiliyoni indwi bari mu gihugu hagati bitaba amatora y'umukuru w'igihugu kuri uyu wa gatanu itariki 4 z'ukwezi kw'umunani 2017
Abakozi bajejwe kwakira abaje gutora
Bamwe mubari barindiriye gutora ku nyubakwa nserukiragihugu y'Urwanda i Nairobi