Zuma ategerezwa kwisigura ku giturire yagirizwa muri Afrika y'epfo

Jacob Zuma Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jacob Zuma arahaka ivyo yagirizwa

Sentare yo muri Afrika y'epfo yiyamirije ibisabwa na prezida Zuma vyo kudakurikiranwa kubera igiturire yagirizwa,

Zuma n'abandi bategetsi baragirizwa kurya igiturire igihe hariko haragurwa indege z'intambara, ubwato bw'intambara hamwe n'ibindi bigwanisho.

Hari ibirego bishika 783 bijanye n'ayo masezerano yo mu 1999 yo kugura ibigwanisho vyatwaye amamiliyoni y'amadolari.

Ivyo birego vyarezwe ubwa mbere Zuma mu mwaka wa 2005 ariko biza gufutwa n'abashikirizamanza mu 2009, binatuma Zuma ashobora kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Uretse ivyo, mu mwaka uheze, sentare nkuru yo mu gisagara ca Pretoria yafashe ingingo ko uwo mutegetsi ategerezwa kubazwa ivyo yagirizwa.

Uwo mukuru w'igihugu yagu w'igihugu yagumye ahakana ivyo yagirizwa.

Muri ivyo aregwa harimwo n'ubucuti buri hagati ya Zuma n'umugwizatunga Shabir Shaik yahamwe n'icaha co gutanga igiturire kw'ikompanyi yo mu Bufaransa idandaza ibigwanisho aserukiye Zuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Ikiringo ca kabiri ca prezida Zuma kizorangira mu 2019 kandi ntazosubira kw'itoza kuko azoba arangije ibiringo vyiwe bibiri.

Mu kiringo amaze ku butegetsi abashingamateka bamaze kugira amatora incuro umunani yo gusaba ko ava ku butegetsi, aguma arusimba.

Ni we mukuru w'igihugu amaze guhakwa incuro nyinshi gukurwa ku butegetsi muri Afrika y'epfo kuva haheze intwaro karyanishamiryango mu 1994.