Jacob Zuma yashavuje abatavuga rumwe na leta ya Kongo

Jacob Zuma avuga ko SADC ishigiki kwigiza inyuma amatora muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jacob Zuma avuga ko SADC ishigiki kwigiza inyuma amatora muri Kongo

Umwe mu bakomeye batavuga rumwe na leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, yagirije Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, gutuka Kongo.

Mu rugendo yarimwo i Kinshasa ejo kuwa Mungu mu rwego rw'ishirahamwe ry'akarere, SADC, Bwana Zuma yavuze ko iryo shirahamwe rishigikiye icifuzo co gusubira kwigiza inyuma amatora muri Kongo.

Jean-Marc Kabund wo mu mugambwe utavuga rumwe na leta, UDPS, yavuze ko ivyo ari nko gucira mu maso y'Abanyekongo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bashaka amatora vuba

Amatora muri Kongo yagomba kuba yarabaye mu kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze.

Umugwi ujejwe amatora mu ndwi iheze wavuze ko amatora adashobora kuba kiretse nko mu yindi myaka ibiri.

Umukuru w'igihugu Joseph Kabila ari ku butegetsi muri Kongo kuva mu 2001.