Umukozi wa IEBC yatanze imihoho muri Kenya

Dr Roselyn Akombe asigura ko IEBC idashigikiye ihindura ry'amategeko ajanye n'amatora
Image caption Dr Roselyn Akombe asigura ko IEBC idashigikiye ihindura ry'amategeko ajanye n'amatora

Umwe mu bakozi bakuru b'akanama kajejwe amatora IEBC, Dr Roselyn Akombe, yatanze imihoho inyuma yaho ahebeye igihugu akaja muri Leta Zunze ubumwe za Amerika.

Avuye mu bagize ako kanama hasigaye indwi imwe ngo habe amatora agira kabiri yategetswe na Sentare Ntahinyuzwa, ategekanijwe ku munsi wa kane w'indwi iza.

Zimwe mu mvo zatumye aheba akazi nkuko yavyiganiye BBC, ni ikibazo c'umutekano hamwe n'ivyerekeye akazi mu kanama IEBC.

Dr Akombe yavuze ko ata matora yizewe na bose adashobora gutunganywa mu ndwi iza, yamenyesheje ko ubuzima bwiwe bubangamiwe, asigura ko we na musazawe bamaze igihe bagabishwa.

Shebuja Wafula Chebukati yavuze ko bibabaje kubona Madamu Akombe abasezera avuga ko yakora akazi kiwe neza, kandi ko yaraciye ubwenge.

Bwana Chebukati avuga ko uwo mukenyezi yaragororotse, ko ata kibanza yaha amacakubiri akwegwa na politike.

Nkuwo mukenyezi, uwurongoye akanama kajejwe amatora IEBC, yamenyesheje ko amatora adashobora kugenda neza hatagize ibihindugwa, asigura ko igihe cose yashatse kuzana amahinduka, ko yanigiwe mu menshi na bamwe mubo bakorana.

Abandanya asigura ivyatumye atanga imihoho, Dr Akombe yavuze kw'ivyo yaramaze iminsi abona, bisa n'ivyashitse igihe uwo bakorana yari mu gisata c'itumanako, Chris Msando, yicwa hasigaye indwi ngo amatora y'itariki 8 ukwezi kw'umunani abe.

Yavuze ko yumva ata mutekano ukwiye afise, wotuma asubira muri Kenya vuba.

Izindi mvo zatumye uwo mukenyezi atanga imihoho, ngo nuko akanama kajejwe amatora IEBC kamaze kwicamwo imice, ngo bamaze iminsi baja mu nama, abagize akanama bagatora bahengamira imigambwe biyumvamwo.

Ikindi, IEBC ngo ntiraheza kwitegura ku buryo yotunganya amatora mu ndwi iza.

Ngo yarikwiye kuvugisha ukuri, igasigura ibibazo biyihanze bituma amatora adashobora kuba kuri iryo sango.

Ubwa nyuma Dr Roselyn Akombe avuga ko adashobora kwemera kwikorera umusalaba w'abagize akanama.