Igihe cahawe Catalogne co kwemeza ko bikukiye carangiye

Catalan leader Carles Puigdemont (left) and Spanish Prime Minister Mariano Rajoy. Photo: March 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikibazo gikomeye: ni iyihe nyishu Carles Puigdemont (i bubamfu) aza guha Mariano Rajoy (i buryo)

Ikiringo ca nyuma ca Catalogne co guheba ingingo yo kwikukira carangiye, mu Espagne igabisha guca ihagarika ubwigenge iyo ntara yari isanganywe.

Umukuru w'intara ya Catalogne Carles Puigdemont yari yahawe gushika isaha 10:00 isaha yo muri Espagne (08:00 GMT) kugira ashire ahagaragara aho ahagaze.

Inyuma y'amatora ya kamarampak y'itariki 1 ukwezi kwa cumi, yarashize umukono kw'itegeko ryo kwikukira kw'iyo ntara, ariko aca ararihagarika, asaba ko haba ibiganiro.

Espagne yafashe minenegwe ingingo y'umukuru wa Catalogne yo kwikukira

Leta ya Espagne yasavye imbabazi abanya Catalogne

Hari ubwoba ko bishobora gutera imidurumbanyo muri Catalogne.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitambara canditseko 'Ibiganiro, ukwubahana , Sport' igihe hariko haraba urukino rw'umupira w'amaguru i Barcelone

Ingingo ya 155 y'ibwirizwa shingiro rya Espagne ryo mu 1978, ivuga kuvyerekeye intwaro ya demokrasi inyuma y'urupfu rwa Gen Franco yatwaza umukazo, iha uburenganzira reta ya Espagne kurongora intara yabayemwo ibibazo, ariko ntiyari bwigere ikoreshwa na rimwe.