Prezida Kenyatta avuga ko ahagurukiye abipfuza gutoba amatora yimirije

Prezida Kenyatta yasavye abakenya gutorera mu mahoro n'umutekano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Prezida Kenyatta yasavye abakenya gutorera mu mahoro n'umutekano

Umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yavuze ko ubutegetsi bwiwe bwiteguye guhangana n'uwo wese azoba yipfuza guhungabanya amahoro n'umutekano mu matora ategekanywa ku wa kane uza.

Prezida Kenyatta yashikirije ayo majambo ku munsi bigina incungu z'igihugu, avuga ko amatora ashingiye ku ntwaro ya demokarasi aribo bayikesha.

Image caption Mu ncungu Kenya yibutse uno munsi harimwo n'izashikanye igihugu ku ntahe yo kwikukira

Umukuru w'igihugu asaba abakenya kwubahana umunsi w'amatora, umwumwe wese agatora mu bwisanzure no mu mahoro.

Abo mu runani NASA rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi barongowe na Raila Odinga, bavuze ko batazitaba ayo matora ahubwa ko bazotunganya kur'uwo munsi imyiyerekano itari bwigere iboneka mu gihugu.

Prezida Kenyatta yavuze k'ubutegetsi buvyiteguriye, ko inzego z'umutekano ziteguye guhangana n'uwo wese yo gerageza kuburagiza amahoro n'umutekano igihe c'amatora n'inyuma yaho.

Image caption Mu gisagara ca Nairobi ibirori vyo kwibuka incungu z'igihugu vyabereye ku kibuga Uhuru Gardens