U Rwanda rwatsinze Tchad mw'ihiganwa rya Volley rya Afrika

Ikarata y'u Rwanda
Image caption Ikarata y'u Rwanda

Umugwi w'igihugu c'u Rwanda waraye utsinze uwa Tchad (3-0) mw'ihiganwa rya Volley rya Afrika mu gisata c'abagabo, ryatanguye ku munsi wa Mungu mu gihugu ca Misiri.

Umugwi w'u Rwanda watsinze amaseti atatu ku busa bwa Tchad (25-20; 25-21; 25-15); mu rundi rukino rwuguruye Misiri iheruka gutwara igikombe mu 2015, itsinda Niger amaseti 3-0 (25-10; 25-6; 25-12).

U Rwanda ruri mu mugwi D co kimwe n'ibihugu vya Algérie, Botswana na Tchad bahuye mu rukino rw'intango.

Iyindi migwi, A: Egypte, Niger, RDC; B: Tunisie, Ghana, Kenya, Libye na C: Cameroun, Maroc, Nigeria

Amakipe abiri ya mbere mu mugwi umwumwe azoca aja mu gice c'ica kane (1/4); ine ya mbere muriyo ije muri 1/2; ibiri ya mbere muriyo ikine urukino rwa nyuma (finale).

Ibihugu bitatu vya mbere vyo muri rino higanwa nivyo bizoca bija mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, gitegekanywa mu mwaka uza 2018.