Abapfasoni 100: Ubudasa mu mupira w'amaguru hagati y'abahungu n'abigeme mu Burundi

Dany Nibimenya amenyereza umugwi w'abigeme batarenza imyaka 20
Image caption Dany Nibimenya amenyereza umugwi w'abigeme batarenza imyaka 20

Umupira w'amaguru w'abagore mu Burundi uracari inyuma cane ugereranije n'uwo abagabo .

Imigwi y'abakobwa iracari mike, n'amahiganwa ntibamaze kwitaba menshi.

Ubudasa hagati y'umukinyi canke umumenyereza w'umugore n'umugabo buracari buni cane

Dany Nibimenya n'umumenyereza mukuru w'umugwi w'igihugu w'abakobwa badashikana imyaka 20.

Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Abigeme batarenza imyaka 20 bariko barategura urukino ruzobahuza na Africa y'epfo mu nkino zo gukuranamwo z'igikombe c'isi yose.

Uwo mukobwa w'imyaka 29 aherutse guheza kaminuza avuga ko umupira w'amaguru w'abagore ukiri inyuma cane kuko mu myaka iheze ho kuwukina bitabonwa neza.

"Ubwa mbere nari umuguruguru, urinze ukina umupira w'amaguru uri umukobwa, uba uri umuguruguru, abantu babona nk'uko umenga nasaze, kuko mu mico yacu mu Burundi, umwigeme n'uwo gukora ibikorwa vyo muhira, kera bavuga ko umupira w'amaguru ari uwo ibirobezo ari co gituma vyari bigoye ko abavyeyi bagutahura," uko ni ko umumenyereza Dany Nibimenya avuga.

Ubu ngo abantu bariko barahindura buke buke ingene babona umukobwa akina umupira w'amaguru.

Image caption Charlotte Irankunda akinira umugwi FOFILA w'i Ngozi

Charlotte Irankunda akinira umugwi FOFILA w'i Ngozi avuga ko " muhira bavyakiriye neza n'aho ababanyi bo batabibonye co kimwe n'abavyeyi. Akenyi mu kibano bavuga ko abigeme bakina umupira w'amaguru usanga ata ndero bafise, ariko ivyo bavuga biratandukanye n'ivyo twebwe tubona."

Uko umupira w'amaguru w'abagore ukiri mu ntango, n'agashiruka bute canke umushashara bakurayo uracari hasi ugereranije n'uwabagabo.

Dany Nibimenya ari umumenyereza mukuru w'umugwi w'igihugu w'abakobwa badashikana imyaka 20 avuga ko aronka umushahara uri munsi y'uwa mugenzi we amenyereza umugwi w'abahungu.

"Ntituronka agashahara kamwe, ngira bizotinda bishika. Kubwa nje nibaza ko tukiri bashasha kandi n'umupira w'amaguru mu bigeme ntizwi cane. Nababwiye ko tukiriko turiga gutambuka, reka twizere ko imbere ari heza.

Image caption Abanyegori b'abigeme batarenza imyaka 20

Gushika ubu mu burundi hari imigwi 8 y'umpiura w'amaguru w'abapfasoni, muri iyo yose nta bakina uwo mupira nk'umwuga, babikina kubera babikunda gusa.

Nta mafaranga umupira wabo winjiza kuko gushika ubu n'inkino zabo zirorerwa kuri gusa.

Ibindi bisa n’ibi