Trump yategetse kwongereza kugenzura abantu ku rubibe

Trump yategetse kwongereza kugenzura abantu ku rubibe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump yategetse kwongereza kugenzura abantu ku rubibe

Prezida wa Amerika Donald Trump yategetse abakozi bo ku mbibe kwongereza igenzurwa ry'abantu binjira muri ico gihugu inyuma y'igitero c'i New York cahitanye abantu umunani gikomeretsa abandi cumi n'umwe.

Uwagize ico gitero yagiye aragonga abari ku makinga n'abagenda n'amaguru ari mu modoka, abapolisi bavuga ko yitwa Sayfullo Saipov, umwimukira ava muri Uzbekistan.

Uwufise ububasha kw’isanamu ST CHARLES COUNTY POLICE DEPT
Image caption Abapolisi bavuga ko uwagize ico gitero yitwa Sayfullo Saipov (ifoto yo mu 2016)

Trump yavuze ko ico gikorwa c'igenzura - yavuze ko kizoba gikomeye cane- gishobora gukazwa cane kandi ko atari igihe co kuraba ko umuntu atarenze ku mategeko.

Yavuze ko bagize umugwi wa Islamic State badakwiye kurekurirwa kwinjira muri Amerika inyuma yo gutsindwa mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Image caption Imodoka yakoreshejwe mu kwica abo bantu