Aung San Suu Kyi yagendeye intara irimwo intambara ya Rakhine

Aung San Suu Kyi (centre) at Sittwe airport. Photo: 2 November 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Aung San Suu Kyi (hagati) ashitse i Sittwe ahagatiwe n'abamucunze bitwaje inkoho

Umukuru wa Myanmar, Aung San Suu Kyi yashitse i Rakhine ubwa mbere kuva hadutse intambara muri iyo ntara mu mpera z'ukwezi kw'umunani.

Yagendeye umugwa mukuru w'iyi ntara Sittwe hamwi n'ibindi bisagara mu rugendo rw'umusi umwe rutari rwamenyeshejwe.

Yaranebaguwe hirya no hino kw'isi kubera yananiwe guhagarika ubwicanyi bw'aba Isla b'aba Rohingya bukorwa n'igisirikare, bivugwa ko bufatiye ku bwoko.

Aba Rohingya 600.000 baramaze guhungira muri Bangladesh kuva itariki 25 ukwezi kw'umunani.

Bangladesh yarengewe n'ikibazo c'impunzi ziva Myanmar

Intambara i Rkhine zakaze cane bivuye ku bitero vyagizwe ku birindiro vy'igipoli muri iyo ntara yose, vyagirijwe umugwi w'abagwanyi wa Arakan Rohingya Salvation Army (Arsa).

Abantu atari bake barishwe mu bikorwa vya gisirikare vyakurikiye, hakaba hakurikiye urukurukuru rw'uko ibigwati vyaturiwe aba Rohingya na bo baromorwa.

Image caption Ikigwati c'aba Rohingya caturiwe itariki 7 z'ukwezi kw'icenda- Suu Kyi avuga ko intambara zari zahagaze imbere yaho

Igisirikare ca Myanmar kivuga ko ibikorwa barimwo vyari bigamije gutuza abagwanyi, kandi bagumye bahakana ko batagize ibitero ku banyagihugu.

Onu: Myanmar ifise umugambi wo kwomora inkehwa z'aba Rohingya

Ababibonye, impunzi hamwe n'abamenyeshamakuru barabibeshuza.