Beni Baningime aracihweza icerekezo ciwe ku rwego mpuzamakungu.

Beni Baningime Uwufise ububasha kw’isanamu NONE
Image caption Beni Baningime yakiniye Everton muri Premier League ubwa mbere kuri uyu w'Imana , ihura na Leicester

Beni Baningime, umusore yavukiye muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo, ku munsi w'Imana niho yakiniye ubwa mbere mu nkino za Premier League.

Uyu musore w'imyaka 19 akinira umugwi Everton, avuga ko atarahitamwo neza abo azokinira ku rwego mpuzamakungu hagati y'igihugu akomokamwo ca R D Congo n'Ubwongereza.

Abajijwe igihugu azohitamwo gukinira, Beni Baningime yavuze ko ataravyiyumvirako, ngo we na se wiwe bazobiganirako, ariko ubu ikimuraje ishinga ari kwibanda ku kuronderera intsinzi umugwi wiwe Everton.

Uwufise ububasha kw’isanamu NONE
Image caption Beni Baningime yatanguye gukinira Everton afise imyaka 9

Beningime yatanguranye na Everyon kuva agifise imyaka icenda, araduga kugeza mu ciciro ca mbere c'uwo mugwi.

Mu mwaka uheze yarafashije cane uwo mugwi Everton mu mahiganwa y'abari munsi y'imyaka 23, watsinze League 2.

N'ubwo Everton itashoboye gutsinda mu rukino rwayihuje kuri uyu w'Imana na Leicester City, kuri Baningime wari umunsi udasanzwe kuko bwari ubwa mbere akina mu cicaro ca mbere.

Mu kwezi guheze niho yasinya amasezerano azoshika mu kwezi kwa gatandatu mu 2020.

Yavuze ko ari amahirwe adasanzwe kuri we kubona akinira ku kibuga kimwe n'abantu yakuze araba nk' icitegererezo, barimwo Wayne Rooney na Fàbregas.

Indoto ya Baningime ni gutahukana igikombe ca Premier League umunsi uri izina, n'ubwo Everton isa n'iyikiri kure y'iyo ndoto yiwe.

Uwo mugwi umaze gutsindwa gatandatu mu nkino icumi umaze gukina muri rino sekeza.