Zimbabwe: Icegera c'umukuru w'igihugu cakuwe

Ikugwa rya Emmerson Mnangagwa (i buryo) rigiye gutuma Grace Mugabe ashobora gusubirira umugabo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikugwa rya Emmerson Mnangagwa (i buryo) rigiye gutuma Grace Mugabe ashobora gusubirira umugabo

Icegera c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yakuwe mu mabanga, nkuko umushikiranganji ajejwe amakuru yabimenyesheje.

Bwana Mnangagwa yagirijwe kwerekana ingeso ijanye n'kutemera ubutegetsi, ukutubaha n'ukudakora ibishimisha, niko umushikiranganji ajejwe amakuru, Simon Khaya Moyo yavuze, kubw'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ikugwa ryiwe risa n'iryemeza ko umutambukanyi wa Perezida Robert Mugabe, Grace, ariwe azokurikira amakanda y'umugabo, akarongora Zimbabwe.

Mu masaha aheze, yasaba umugabo ngo akure icegera ciwe.

Grace Mugabe ashaka ko visi perezida aba umugore

Bwana Mnangagwa yari yitavye umubonano na Perezida mu gitondo, nkuko bisanzwe bikogwa ku munsi wa mbere.

Inyuma y'uwo mubonano, hakurikiye inama n'abashikiranganji bakuru mu bagize leta.

Mw'itangazo ryasomye n'umushikiranganji ajejwe amakuru, Simon Khaya Moyo yavuze ko umukuru w'igihugu ahejeje gukora ivyo arekuriwe n'ibwirizwa shingiro.

Mnangagwa yarakoranye na Mugabe imyaka irenga 40, ari umufasha wiwe na cane cane igihe c'ingwano yo kubohoza Zimbabwe mu 1977.

Mu mugambwe bamutazira "ingona"kubera amayeri yiwe.

Ntaco aravuga ku bijanye n'ikugwa ryiwe.