Onu isaba Arabie Seoudite guhagarika ikumira rya Yemeni

Abarwanyi b'aba Houthi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abarwanyi b'aba Houthi

Umuryango mpuzamakungu Onu usaba urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabie Séoudite guhagarika ikumira ryashizwe ku gihugu ca Yemeni coshobora kugikwegera mu kaga.

Onu ivuga ko ingingo yo kwugarira Yemeni inzira zo mu kirere, izo ku butaka n'izo mu mazi, vyatumye imfashanyo zidashobora gushika muri ico gihugu catabaguwe n'ingwano.

Umuvugizi (Jens Laerke) yavuze kw'ivyo vyatumye abantu imiliyoni indwi bo muri Yemeni bagira ubuzima bumeze nk'ubwo mu gihe c'amapfa.

Urwo runani rurongowe na Arabie Séoudite rwamenyesheje ku munsi wa mbere ko rwugaye imbibe zose zo muri Yemeni inyuma y'igitero ca "missile" cagabwe kuri Riyadh n'umugwi w'inyeshamba z'aba Houthi.

Arabie Séoudite irashigikiye leta ya Yemeni mu ngwano irimwo ihangana n'inyeshamba.