Muramenyereye umupfasoni w'umukuru w'igihugu aheka abana?

Madamu Denise Nkurunziza n'umunega wiwe Perezida Pierre Nkurunziza (hagati imbere)
Image caption Madamu Denise Nkurunziza n'umunega wiwe Perezida Pierre Nkurunziza (hagati imbere)

Ntibimenyerewe kubona umutambukanyi w'umukuru w'igihugu aheka abana, ariko bisa naho ari ibisanzwe ku mupfasoni Denise Nkurunziza kuja mu misa ahetse umwana, ivyo bikaba vyibonekeje ku mafoto yagiye ahabona ari kumwe n'umunega wiwe, Perezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi.

Bivugwa ko uwo mwana ahetse atari rwiwe, ahubwo ko ari mubo areze.

Ku mafoto BBC yashoboye kuronka yafashwe ku munsi wa Mungu uheze, Madamu Denise Nkurunziza ari kumwe n'umunega wiwe, Perezida Pierre Nkurunziza kw'isengero ry'ahitwa Gatsinda hafi y'i Buye aho avuka.

Image caption Madamu Denise Nkurunziza agaburira umwana

Mu Burundi ni ibisanzwe ku bavyeyi guheka abana canke ku bonkereza ahagaragara, ariko bo mu bisagara canke ku bakora ubuzi bwa none ni gake.

Bivugwa ko atari ubwa mbere umupfasoni w'umukuru w'igihugu agaragara ahetse umwana, ngo ni kuva kera bataranashika ku kirimba c'umukuru w'igihugu.

Umuto mu bana biwe bwite ararengeye kuba agihekwa, ariko ngo hari abandi bashika 20 afise mw'irerero ryiwe yise Umusamariya Mwiza barimwo abakiri bato cane bagihekwa.

Orlene yari ahetse ku wa Mungu ari muri abo.

Image caption Perezida Pierre Nkurunziza n'umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza ku munsi wa Mungu kw'isengero

Umwe mu bajenana bo ku kirimba c'umukuru w'igihugu, avuga ko iyo mwana muri abo akenewe kwitabwaho bidasanzwe aheza akamujana ku krimba, mu gihe uwubarera aba afise aberenga umwe, ngo umupfasoni w'umukuru w'igihugu aramwunganira mu guheka umwe nk'iyo bagiye gusenga.