Igikombe c'isi yose 2018 - ibihugu bizohiganwa mu Burusiya

Igihugu c'Ubudagi nico catwaye igikombe giheruka mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihugu c'Ubudagi nico catwaye igikombe giheruka mu 2014

Mu gihe ibihugu biri mu majonjora ya nyuma y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, ibihugu 28 biramaze kwironkera itike ryo kuja mu Burusiya mw'ihiganwa rizohuza imigwi y'ibihugu 32 mu ci riza.

Mu bihugu vyitezwe mu Burusiya harimwo ikimaze gutsinda iryo higanwa incuro zitanu, Brésil hamwe n'igiherutse kugitwara mu 2014, Ubudagi hamwe na Argentine, Ububiligi, Colombie, Costa Rica, Croatie, Misiri, Ubwongereza, Ubufaransa, Islande, Irani, Ubuyapani, Mexique, Maroc, Nigeria, Panama, Pologne, Portugal, Arabie Séoudite, Sénégal, Serbie, Corée du Sud, Espagne, Suède, Suisse, Tunisie na Uruguay.

Ibihugu bitanu vya Afrika nivyo biri kuri urwo rutonde. Vyashitse aho gute? Abakinyi bakomeye bavyo ni ba nde? Abamenyereza babo ni ba nde?

BBC Sport yarabibatohoreje...

Misiri

Igihugu ca Misiri kiri mu kibanza ca 30 mu kurushanwa gukina neza umupira w'amaguru, ku rutonde rw'ishirahamwe mpuzamakungu mu mupira w'amaguru, Fifa.

Ico gihugu nticashoboye kuja mu gikombe c'isi yose mu 2010 no mu 2014 gikuwe mu majonjora, ariko ubu kikaba kizoja mu Burusiya inyuma yaho umukinyi wa Liverpool Mohamed Salah yinjirije igitsindo mu minota irenga iyitegekanijwe, gikuyemwo umugwi wa Congo.

Amahigwe ico gihugu giheruka ni igihe gitwaye igikombe ca Afrika mu 2010 incuro y'indwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Buzoba bubaye ubwa mbere Mohamed Salah akinye mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose

Umukinyi umugwi ugenderako: Mohamed Salah, aheruka kugugwa n'umugwi wa Liverpool, niwe mukinyi wa mbere wa Misiri afise impano. Uwo mukinyi anyaruka w'imbere amaze kwinjiza ibitsindo 32 mu nkino 56 zirimwo zitanu z'amajonjora y'ihiganwa ryo mu Burusiya.

Abakina muri Premier League: Mohamed Salah (Liverpool), Mohamed Elneny (Arsenal), Ahmed Hegazy (West Brom), Ramadan Sobhi (Stoke),

Abakina muri shampiyona: Ahmed Elmohamady (Aston Villa).

Abakina muri League One: Sam Morsy (Wigan).

Ni nde amenyereza uwo mugwi? Ni umunya Argentine Hector Cuper, yahora amenyereza Valencia na Inter Milan, akaba yagenywe mu kwezi kwa gatatu mu 2015.

Maroc

Maroc izoba igiye ubwa mbere mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose muri ino myaka 20 irangiye. Mw'ihiganwa ryo 1998 mu Bufaransa, ugutsinda rimwe, ukunganya hamwe n'ugutsindwa ntivyafashije uwo mugwi kubandanya ihiganwa. Mu 1986 uwo mugwi warageze mu migwi 16 ya nyuma, batsindwa 1-0 na Allemagne de l'Ouest.

Umukinyi ngendegwako: Ni uwukina muri Juventus yitwa Medhi Benatia yinjiye muri uwo mugwi avuye muri Bayern Munich ku mukopo.

Uwo mukinyi w'imyaka 30 niwe arongoye abandi mu mugwi. Yarinjije igitsindo kimwe mu rukino Maroc yakuyemwo Côte d'Ivoire 2-0, iba ironse itike yo kuja mu Burusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Medhi Benatia yinjiye muri Juventus avuye muri Bayern Munich mu masezerano ntabanduka mu kwezi kwa gatanu

Abakina muri Premier League: Sofiane Boufal (Southampton)

Abakina muri Shampiyona: Romain Saiss (Wolves)

Ni nde amenyereza uwo mugwi? Umufaransa Hervé Renard amaze gutsinda igikombe ca Afrika incuro zibiri, amenyereza Zambia mu 2012 na Côte d'Ivoire mu 2015. Yatanguye kumenyereza Maroc mu mwaka uheze wa 2016.

Nigeria

Buzoba bubaye ubwa gatandatu Nigeria ija mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose n'ubwa gatatu cikurikiranya. Yashitse mu migwi 16 ya nyuma mu 1994, 1998 no mu 2014 ariko ntirigera irenga aho.

Umukinyi ngendegwako: John Mikel Obi niwe azoba arongoye umugwi Super Eagles mw'ihiganwa ryo mu Burusiya mu mwaka uza, muri kino gihe akaba akina mu mugwi Tianjin Teda mu Bushinwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption John Mikel Obi yafashije Nigeria gutwra igikombe ca Afrika mu 2013

Abakinyi ba Premier League: Alex Iwobi (Arsenal), Victor Moses (Chelsea), Kelechi Iheanacho (Leicester City), Wilfred Ndidi (Leicester City), Ahmed Musa (Leicester City) and Ola Aina (Hull City).

Umumenyereza ni Gernot Rohr amaze gukwira isi yose muri uwo mwuga. Imigwi yakozemwo ni Nice, uwa Gabon, Burkina Faso na Nigeria. Uwo mugabo w'imyaka 64 afise ubumenyi bwinshi. Yarakinye muri Bayern Munich na Bordeaux, yongera arayimenyereza. Ahandi yakoze ni Nantes, umugwi Young Boys Berne mu Buswise, muri Etoile du Sahel muri Tunisie hamwe no mu mugwi w'igihugu ca Niger.

Senegal

Bubaye ubwa mbere Senegal yinjira mu gikombe c'isi yose kuva mu 2002, bukaba bubaye ubwa kabiri mu mateka y'uwo mugwi. Mu 2002, uwo mugwi warashitse mu gice ca kane, aho wakuwemwo na Turquie kuri 1-0.

Umukinyi ngendegwako: Sadio Mane niwe mukinyi wo mu karere ka Afrika y'uburengero afise ubuzobere, amaze kwinjiza ibitsindo 14 kuva mu 2012.

Mu 2015 yarakoze ibintu bitari bwigere biboneka, yinjiza ibitsindo bitatu mu masegonda 176 mu rukino Southampton yatsinze Aston Villa 6-1. Igihe yinjiriye muri Liverpool mu 2016, yabaye umunyafrika wa mbere aguzwe menshi (imiliyoni 34 z'amapawundi).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mane niwe yabaye umkinyi w'umunyafrika aguzwe menshi igihe yinjira muri Liverpool mu 2016 ku miliyoni 34 z'amapawundi

Abakina muri Premier League: Cheikhou Kouyate (West Ham), Diafra Sakho (West Ham), Idrissa Gueye (Everton), Sadio Mane (Liverpool).

Abakinyi ba Shampiyona: Alfred N'Diaye (Wolves), Cheikh N'Doye (Birmingham City),

Umumenyereza w'uwo mugwi ni Aliou Cisse yakiniye Senegal, Pompey na Birmingham City.

Tunisie

Tunisie igiye ubwa mbere mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose kuva mu mwaka w'i 2006 mu Budagi.

Umukinyi akomeye: ni umukinyi wo hagati inyuma Aymen Abdennour, afise ubuzobere, akina muri kino gihe muri Marseille avuye muri Valencia.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wahbi Khazri yatanguye ihiganwa ry'uno mwaka akina muri Sunderland munyuma aja muri Rennes mu kwezi kw'umunani

Abakinyi ba Premier League: Nta numwe

Abakinyi ba Shampiyona: Wahbi Khazri (Sunderland, ari muri Rennes ku mukopo)

Umumenyereza ni Nabil Maaloul akoze ako kazi incuro zibiri. Ubwa mbere yakinishije inkino indwi gusa mu 2013, mu nyuma atanga imihoho vyanse ko yinjiza ico gihugu mw'ihiganwa ry'isi yose ryo mu 2014.

Yagarutse mu kwezi kwa kane mu 2017 avuye muri Koweit na Qatar.