Urwanda rwemeye kwakira abimukira b'abanyafrika bari muri Libya

Ikarata y'Urwanda

Urwanda rwemeye kwakira abimukira b'abanyafrika bagorewe muri Libya inkuru zivuga ko bariko baragurishwa nk'abaja.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu Louise Mushikiwabo yavuze ko Urwanda rushobora kwakira abashika ibihumbi mirongo itatu.

Yavuze ko Urwanda, rufatiye kuri kahise karwo ka jenoside, rudashobora kuguma mu gacerere mu gihe abantu bariko baragurishwa nk'ibitungwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ishirahamwe rijejwe abimukira OIM rivuga ko ryegeranije ibimenyetso vyerekana ko abagizwe abaja muri Libya.

Hari amasanamu aherutse kugaragara yerekana abasore b'abanyafrika bariko baragurishwa muri Libya ku madolari amajana ane umwe umwe.

Ibihumbi amajana vy'abanyafrika baraca muri Libya buri mwaka bagerageza kuja i Buraya.