Ikigongwe ku bantu n'amakompanyi yosubiza ivyo yivye

Mw'ijambo ryiwe agishishikira ubutegetsi, prezida Mnangagwa yiyemeje gusubiza itoto ubutunzi bwa Zimbabwe bugeze ahatemba. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mw'ijambo ryiwe agishishikira ubutegetsi, prezida Mnangagwa yiyemeje gusubiza itoto ubutunzi bwa Zimbabwe bugeze ahatemba.

Prezida mushasha wa Zimbabwe yatanze ikigongwe ku bantu n'amakompanyi yogarukana ubutunzi bwa reta yanyegeje hanze y'igihugu bidakurikije amategeko mu kiringo c'amezi atatu.

Mw'ijambo yashikirije, Emmerson Mnangagwa yavuze ko ico kiringo giheze mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, reta ishobora kuzohagarika no gucira urubanza uwuzoba atabikurikije.

Mw'ijambo ryiwe agishishikira ubutegetsi, prezida Mnangagwa yiyemeje gusubiza itoto ubutunzi bwa Zimbabwe bugeze ahatemba.

Kugwanya igiturire akaba yabigize igikorwa nyamukuru.