Champions League na Europa League: Imigwi yo mu Bwongereza iramenya iyo bazohura

Mo Salah Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Liverpool scored 23 goals in six Champions League group matches

Imigwi indwi yo mu Bwongereza iri mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo na Europa League iramenya iyo bagiye guhura muri tombola itegekanijwe kuri uyu wa mberei Nyon muri Suisse.

Tottenham, Manchester City, Manchester United na Liverpool iri kw'isonga mu migwi irimwo, mu gihe Chelsea iri mu kibanza ca kabiri.

Imigwi ya mbere mu migwi irimwo muyabaye iya mbere iwabo izohura n'iya baye iya kabiri. Imigwi iva mu gihugu kimwe canke yo mu mugwi umwe ntishobora guhura.

Ariko kuba umugwi ari uwa mbere ntibisigura ko uzokoroherwa mu nkino zigiye gukurikira kuko nka Manchester City, Manchester United na Liverpool bashobora guhura na Bayern Munich, Juventus canke Real Madrid.

Tottenham ishobora guhura na Bayern canke Juventus ariko ntishobora guhura na Real Madrid kuko bari mu mugwi umwe.

Chelsea yizeye guhura na Besiktas, bitabaye ivyo bazoca batana mu mitwe na Paris St-Germain canke na Barcelone.

Muri Europa League, Arsenal yarangije iri mu kibanza ca mbetre- ikaba izohura n'umugwi uza mu kibanza ca kabiri, canke umwe mu migwi ine wabaye uwa gatatu mu migwi yabaye iya mbere iwabo.

Bashobora guhura na Celtic, Borussia Dortmund cane Naple.

Celtic izohura n'umwe mu migwe yabaye iya mbere mw'itsinda irimwo muri Europa League- canke umwe mu migwi ine itazobandanya na Champions League.