Umushikiranganji Kabarebe ntashobora kwitaba mu Bufaransa

Gen James Kabarebe ngo ntiyokwitaba abajamanza mu Bufaransa kubera akazi kiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gen James Kabarebe ngo ntiyokwitaba abajamanza mu Bufaransa kubera akazi kiwe

Umwunganizi w'umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe kwivuna abansi avuga ko adashobora kwitaba ubucamanza bw'Ubufaransa mw'itohoza kw'iraswa ry'indege ya Habyarimana.

Maitre Bernard Maingain yabwiye BBC ko kubera amabanga ajejwe nk'umushikiranganji w'igihugu, adashobora guhamazwa n'uwushatse wese ngo aje kwumvirizwa.

Bwana Maingain yagize ati: "Ntushobora guhamagaza umushikirangnaji ajejwe kwivuna abansi w'u Rwanda, nk'uko udashobora guhamagaza uw'Ubwongereza."

Uyu munsi n'ejo kuwa gatanu niho vyari bitegekanijwe ko abacamanza bo mu Bufaransa, Nathalie Poux na Jean Marc Hebaut, basubiriye umucamanza Marc Trevidic, bumviriza umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe kwivuna abansi.

Guhuza Kabarebe n'icabona

Vyari bitegekanijwe ko abo bacamanza bahuza General James Kabarebe n'icabona gishasha kimushinja kugira uruhara mw'ikororwa ry'indege ya Prezida Juvenal Habyarimana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibisigarira vy'indege ya Prezida Habyarimana yarashwe itariki 06/04/1994

Maitre Maingain yongeyeko yuko ico cabona kidashobora kwizerwa ngo kuko kimaze kuvuga ibintu bibiri bidasa mu kwumvirizwa kwabanje.

Ikibazo c'iraswa ry'indege yari itwaye uwari umukuru w'u Rwanda, Juvenal Habyarimana, hamwe n'uwari umukuru w'u Burundi, Cyprien Ntaryamira, hamwe n'abandi bategetsi, camye gikwega induru hagati y'u Rwanda n'ubucamanza bw'Ubufaransa.

Ubwo bucamanza bukurikirana ico kibazo kubera impfu z'abadereva b'Abafaransa bari batwaye iyo ndege igihe iraswa mw'ijoro ryo kuwa 06/04/1994.