CPI: Indishi y'akababaro ku mabi yakorewe abana muri Congo

Thomas Lubanga yari umukuru wa Union des Patriotes Congolais
Image caption Thomas Lubanga yari umukuru wa Union des Patriotes Congolais

Ubucamanza bwa Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) bwatanze indishi y'akababaro ingana na miliyoni cumi z'amadolari, ku bana binjijwe mu gisoda n'umugwanyi Thomas Lubanga wo mu gihugu ca Congo.

Bubaye ubwa mbere abana bashumbushwa n'iyo sentare muri ubwo buryo.

Mu 2012 Bwana Lubanga yaragiwe n'ivyaha vyo kunyuruza abana b'abahungu n'abakobwa, bamwe muribo bafise imyaka 11.

Abahungu bajanwa kugwana ku nguvu mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, abakobwa nabo bakoreshwa nk'abaja.

Bwana Lubanga -- yakatiwe igipfungo c'imyaka 14 -- yategetswe kubashumbusha.

(Abagiraneza bakorana n'abo bana bavuga ko benshi muribo bavumwe n'imiryango baturukamwo.)