Suu kyi yoba agiye gushikanwa imbere ya sentare?

Aung San Suu Kyi

Umukuru w'akanama kajejwe agateka ka zina muntu muri Onu yavuze ko yizeye ko Aung San Suu Kyi yahanye abishe inkehwa z'aba Islan b'aba Rohingya.

Mu kiganiro na BBC, Zeid Ra'ad Al Hussein yavuze ko ingingo zitegerezwa gufatwa ku nzego zo hejuru, uravye ingene ubwo bwicanyi bwahitanye abantu ibihumbi n'ibihumbi, abandi ibihumbi amajana bahunga igihugu.

Yavuze ko abategetsi ba Myanmar bashobora kwagirizwa jenoside.

Aung San Suu Kyi - yigeze koronka agashimwe kitiriwe Nobel- yanse kugira ico abivuzeko.

Insiguro y'isanamu,

Kuva itariki 25 z'ukwezi kw'umunani, abanyagihugu b'aba Rohingya baguma bahungira muri Bangladesh