Sena ya Amerika yemeje itegeko rigenga amakori

US Vice-president Mike Pence head to vote on tax reform, 19 December Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vice-President Mike Pence ni we yatangaje abemeje iryo tegeko n'abarihakanye

Inama nkenguzamateka ya Amerika yemeje isubirwamwo ry'itegeko rigenga amakori ryari rimaze imyaka mirongo itatu.

Inama nshingamateka ni yo yabanje kwemeza iryo tegeko ata ngorane.

Aba republicain ni bo benshi haba mu nama nshingamateka canke nkenguzamateka.

Kugira iryo tegeko ryemezwe, iryo tegeko rirasubira mu nama nshingamateka kuri uyu wa gatatu, mu kwubahiriza amategeko gusa.

Mu gihe ryoja mu bikorwa, rizoba ribaye itegeko rya mbere rya prezida Trump ryemejwe.

Abatabona neza iryo tegeko bavuga rije kworohereza abatunzi.

Mexique yiyamirije Trump ku makori yo kwubaka uruhome

Trump yoba atarishe amakori imyaka 18?

Ariko aba republicains bavuga ko kugabanya amakori atangwa n'amashirahamwe akomeye na matomato hamwe n'abantu ku giti cabo, bizofasha mu kugwiza ubutunzi.

Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence ni we yari yaje gusigura iryo tegeko, kandi ni we yanamenyesheje ivyavuye mu matora.

"Kuri iri tegeko, abaritoye ni 51 hanyuma abayanse na bo ni 48. Itegeko rigenga amakori hamwe n'akazi riremejwe," ni ko yavuze.

Akanya gato, imbere y'uko ivyavuye mu matora bitangazwa, abagwanya iryo tegeko bari aho inama nkenguzamateka ikorera basemereye ngo "anka iryo tegeko". Baciye babasohora.