Urwaruka rw'Uburundi rwipfuza kazoza kameze gute?

Bamwe mu rwaruka rwaje gusigurirwa ibiri muri ico cegeranyo c'ishirahamwe CENAP
Image caption Bamwe mu rwaruka rwaje gusigurirwa ibiri muri ico cegeranyo c'ishirahamwe CENAP

Ishirahamwe CENAP rijejwe gukinga amatati ryashize ahabona icegeranyo ku kungene urwaruka rwipfuza kubaho, ingene babona ivyerekeye ubuzi, politike n'ukuringanira kw'ibitsina.

Ico cigwa cakozwe 'urwaruka 4110 bafise imyaka iri hagati ya 15 na 29 mu gihugu cose.

Imigambwe

Ibice 77.4% vy'abigeme na 74.1% vy'abahungu babajijwe bemeza ko ata migambwe barimwo. Bavuga ko abanyapolitike bishinga kuryana.

Benshi mu babajijwe bashigikiye ko hoba imigambwe myinshi ihiganwa.

Ibice 26.9% bipfuza ko habaho imigambwe itarenga ibiri, 33.3% bipfuza ko habaho imigambwe itarenga 5, hanyuma 19.2% bipfuza ko habaho umugambwe umwe.

Image caption Urwaruka 84 ruvuye hirya no hino mu gihugu no mu mirimo itandukanye ni rwo rwaje gukurikira ico cegeranyo bongera bagira ico bakivuzeko

Ibijanye n'akazi

Ababajijwe bose, ibice 56.6% bipfuza amahera kurusha akaz, ngo kuko kuronka akazi ntibisigura kubaho neza.

Abashika 57.3% bipfuza kubaho mu mahoro (kuba no gukurira mu mahoro), kuko ngo amahoro ahari, ibindi bokwimenya.

Ibi bakabivuga bafatiye ku ndryane ziguma zihanze uburundi kuva.

Benshi muri bo bakuze havugwa indyane z'amoko n'ubu zikaba zikivugwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Umukozi wa CENAP Birutegusa Benoit ariko arasigurira urwaruko ivyerekeye ico cegeranyo ca CENAP

Guheba amashure

Ibice 47.8% vy'urwaruka rutiga rusigura ko rwahevye kubera ubukene, 15.7% bavuga ko bahevye kubera ingwara hanyuma 14.7% ko bahevye kubera kuyoberwa.

Icigwa nk'iki caheruka mu mwaka wa 2008, igihe Uburundi bwarI buvuye mu ndyane zari zimaze imyaka 10.