Trump arashima ibindi bihano vyafatiwe Korea ya ruguru

Composite image of Kim Jong-un and Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukura wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yarateranye amajambo na prezida Trump mu misi iheze

Prezida wa Amerika Donald Trump yashimagije akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kuba kashizeho ibihano ruhasha kuri Korea ya ruguru mu kwishura kw'igerageza ry'ibisase.

Kuri Twitter, Trump yavuze ko isi "ikeneye amahoro, idakeneye abapfa".

Mu bihano Amerika yari yasabiye Korea ya ruguru harimwo ukugabanya kugurisha igitoro kuri Korea ya ruguru ku rugero rw'ibice 90%.

Koreya ya Ruguru: Amerika yahannye amasosiyete y'Uburusiya n'Ubushinwa

Koreya ya ruguru ngo iriteguye

Ubushinwa n'Uburusiya bisanzwe ari somambike ba Korea ya ruguru, bemeje ivyo bihano.

Koreya ya ruguru isanzwe iri mu bindi bihano yafatiwe na Amerika, Onu hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

"Akanama kajejwe umutekano ka Onu kemeje ibihano vyafatiwe Korea ya ruguru ku majwi 15-0. Isi yipfuza amahoro, ntiyipfuza abapfa", ni ko Trump yanditse kuri Twitter.