Abantu isinzi mu myiyerekano yo gushigikira ubutegetsi muri Iran

Umwe mu bari mu myiyerekano ahanganye n'igipolisi hagufi ya kaminuza ya Tehran Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwe mu bari mu myiyerekano ahanganye n'igipolisi hagufi ya kaminuza ya Tehran

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye imyiyerekano yo gushigikira u butegetsi mu gihugu cose muri Iran.

Ibinyamakuru vya reta vyerekana isinzi ry'abantu bari mu myiyerekano mu bisagara bikomeye harimwo Ahvaz, Ilam na Gorgan,; hamwe no mu ntaraza Alborz na Makazi, baririmba ivyivugo bihayagiza ubutegetsi.

Iyo myiyerekano ije ikurikira iyari imaze hafi indwi yiyamiriza ubutegetsi- iya mbere ikomeye kuva habaye iyo mu 2009.

Iran: abantu icenda baguye mu mishamirano n'igipolisi

Irani: Abiyamiriza ubutegetsi bagabishijwe guhanwa bikomeye

Ibiri ku mbuga ngurukanabumenye vyerekana ko yabandanije ko ku musi wa kabiri mw'ijoro, ariko ku rugero ruto ugereranije n'ayandi majoro abiri aheze.

Abantu barenga mirongo ibiri baramaze gupfira muri iyo myiyamamazo, yatanguye yiyamiriza ubutunzi bwifashe nabi.