Igihugu ca Iran mu biganiro na EU

Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya Federica Mogherini ari kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran Mohammad Javad Zarif mu kwezi kwa kane 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya Federica Mogherini ari kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran Mohammad Javad Zarif

Ibihugu bine vya Buraya vyashize umukono ku masezerano y'ibigwanisho ruhanyanganda na Iran biri mu biganiro n'umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu i Bruxelles vyo kuraba ingene ayo masezerano yokingigwa.

Vyitezwe ko Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n'Ubudagi hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, babwira Mohammad Javad Zarif ko bagishigikiye ayo masezerano hanyuma bamuhamagarire kwemera ko amakungu agenzura ishirwa mu ngiro ryayo.

Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe imigenderanire Sigmar Gabriel yavuze ayo masezerano akenewe cane ku neza y'umutekano w'ishirahamwe rya Buraya (EU).

Federica Mogherini muri Iran

Ivyo biganiro bibaye imbere y'umusi umwe ngo prezida Trump amenyeshe nimba yasubijeho ibihano ku gitoro ca Iran vyari vyavanyweho inyuma y'ayo masezerano.

Zarif kandi ashobora kubazwa ibiraba imyiyerekano y'abiyamiriza reta iherutse kuba muri Iran.