Abakozi ntibumvikana na leta y'u Burundi ku ntererano ya 2020

Abaserukiye abakozi ntibanyuzwe n'insiguro za leta
Image caption Abaserukiye abakozi ntibanyuzwe n'insiguro za leta

Mu Burundi abaserukira abakozi n'abakoresha batanguye ibiganiro na leta ku kibazo co gukatwa amafaranga yo guterera amatora yo mu 2020, ariko nta ntambwe yatewe.

Abaserukira amasendika bahuye n'abashikiranganji b'intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, n'uw'ikigega ca leta, Domitien Ndihokubwayo.

Abo bashikiranganji nibo bashize umukono kw'itegeko rishinga amafaranga y'intererano, hakaba kandi hari hatumiwe n'umushikiranganji ajejwe abakozi ba leta n'akazi.

Ikibazo ca mbere batarumvikanako ni ingene leta ivuga ko guterera ari ugushaka kw'umuntu wese, ariko ikaba ariyo ishinga ayo umwe umwe azokatwa itanamubajije ngo avyemere.

Aho n'ubu umushikiranganji w'intwaro yo hagati Pascal Barandagiye avuga ko uwudashaka guterera ariwe yobivuga.

Image caption Abashikiranganji b'intwaro yo hagati mu gihugu (hagati), ikigega ca leta (i buryo kw'ifoto) n'uwabakozi ba leta n'akazi (i bubamfu kw'ifoto) nibo bari baserukiye leta

Yagize ati ''Uwuzovuga ati jewe sinshaka guterera yabimenyesheje, ntawuzomukata.''

Akarenganyo?

Uretse n'ivyo, ingene ingero z'imishahara zagenywe arivyo vyerekana ayo umuntu azokatwa, ama sendika asanga hojamwo akarenganyo.

Tharcisse Gahungu arongoye ihwaniro ry'amasendika, COSYBU, yatanze akarorero: "Uwuhembwa ibihumbi amajana atanu, azokatwa ibihumbi bitanu.

"Ariko uwuhembwa ibihumbi amajana atanu n'ifaranga rimwe akatwe ibihumbi mirongo itatu, co kimwe n'uwuhembwa umuliyoni.''

Aho nta nyishu ifadika yagiye aharonkeye. Yabajije kandi ayakenewe ku matora ingene angana.

Aha ministre ajejwe ikigega ca leta, Domitien Ndihokubwayo, yagize ati "Ivyo biharuro turacariko turabibokora."

Hafatirwa ku mushahara uwahe?

Hari kandi n'ukumenya umushahara uwariwo, ko ari uw'ifatiro "salaire de base", canke amafaranga umuntu atahana havuyeko amakori "salaire net".

Nta minsi yari iheze umushikiranganji w'abakozi n'akazi asohoye ingingo ko hazofatirwa ku mushahara w'ifatiro, ariko mugenzi we w'intwaro yo hagati yavuze ko uyu munsi baje bumvikanye ukundi.

Yagize ati: "Twasanze bamwe bumva ko ari "salaire net", abandi "salaire de base", ubu rero umuco wa nyuma n'uko hazofatirwa kuri "salaire net''.

Uwuserukira abakoresha Theodore Kamwenubusa yatashe atanyuzwe.

Image caption Inama yabonetsemwo ibibazo vyinshi kurusha inyishu

Yavuze ko umukozi mu biharuro ashobora kuba ahembwa amafaranga menshi ariko ayaca mu ntoki ziwe akaba make kubera ayandi yakaswe ngo yishure amadeni yafashe n'ibindi aba yariyemeje gutangako amafaranga.

Nta mwumvikano

Amaherezo nta ngingo bagiye bafunditse; urwego rw'ibiganiro vy'imibano n'abo bashikiranganji nyene bemeye ko ibiganiro bigiye kubandanya.

Mu gihe ari ikiringo co guhemba imishahara, ikitatomotse n'uko hazotangwa iyakasweko intererano, canke nimba leta izoba iratanga imishahara uko vyahora ikarindira ko ibiganiro birangira.