Abakozi mu Burundi bidogera agashahara kaciwe

Amasendika y'abakozi ashaka ko leta yoba irabangira gukata ku mishasha mu kurondera amahera y'amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amasendika y'abakozi ashaka ko leta yoba irabangira gukata ku mishasha mu kurondera amahera y'amatora

Mu Burundi amashirahamwe y'abakozi, sendika, avuga ko leta yari ikwiye kubanza kubangira gukata abakozi intererano y'amatora yo mu 2020 mu gihe ibiganiro vyo kwumvikana kuri ico kibazo bikibandanya.

Aho ni mu gihe ayo ma sendika yamaze kumenya ko iyo ntererano yakuwe ku mishahara y'ukwezi kwa mbere.

Mu kiganiro yari yagiraniye n'abashikiranganji bajejwe ico kibazo ku ndwi iheze, bari basezeranye ko ibiganiro bigiye kubandaniriza mu rwego rw'umurwi w'igihugu ujejwe ibiganiro ku bibazo vy'akazi.

Abarongoye ama sendika bavuga ko leta itari ikwiye gushira mu ngiro itegeko ryerekeye intererano mu gihe ibibazo bayituye bitari bwaronke inyishu.

Ibiganiro bibandanye

Bavuga ko bagiye kwitura umugwi w'igihugu ujejwe ibiganiro mu kazi kugira babandanye kuvugana ibibazo bitaronse inyishu, mbere ngo ninavyo bari basezeranye n'abashikiranganji ba leta bajejwe ico kibazo igihe babonana ku ndwi iheze.

Mu bibazo nyamukuru batarumvikanako harimwo ic'uko leta ivuga ko intereno itangwa ku bushaka babona hari ibisata vya leta abakozi barikwo barakwa n'abakoresha babo intererano irenga kuyo bazokatwa ku mishahara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Leta ivuga ko abanyagihugu aribo bisabiye guterera amahera y'amatora

Ikindi kibazo ama sendica avuga ko atarumvukinako na leta ni ingene leta yapanze ingero z'imishahara zituma hashingwa amafranga umukozi akatwa.

Hari aho usanga uwuhembwa make aterereye atandatu kw'ijana, uwuhembwa incuro kabiri kumurusha agaterera atatu kw'ijana, aho bakahabona ukutanganisha abantu imbere y'itegeko.

Ivyo hamwe n'ibindi bibazo bitari bike nivyo amasendika yiteze kuzokwumvikanako na leta muri ivyo biganiro, ari naco gituma avuga ko leta yari kuba yabanje kubangira gushira mu ngiro iyo ngingo yerekeye guterera amatora.

Leta yoyo ivuga ko iyo ntererano iraba igihugu cose n'abanyagihugu bose ngo si amasendika abiri gusa.

Umviriza ikiganiro icegera c'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Therence Ntahiraja, yagiranye na BBC.