Igitero c''imodoka' ku banyamahanga mu Butaliyano

Paramedics treat an injured person that was shot from a passing vehicle in Macerata, Italy, 3 February 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

N'imiburiburi abantu bane bakomerekeye mu bitero bitandukanye vy'inkoho mu gisagara kiri hagati mu Butaliyano, umugabo umwe akaba yahagaritswe nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Igipolisi congerako ko abakomerekeye bose mu bitero vy'i Macerata ari abanyamahanga.

Uwukekwa kugira ico gitero yari afise ibendera ry'Ubutaliyano mw'izosi igihe yafungwa.

Ukurasana kwumvikanye mu bibanza bitandukanye vya Macerata, hrimwo hagufi y'igituro c'itereni.

Umukuru w'ico gisagara yagabishije abantu ngo babe baragumye mu mazu kubera ivyo vyabaye.

Amasase yava mu modoka yo mu bwko bwa Alfa Romeo yirabura, n'aho bitaramenyekana nimba uwagize ico gitero yari wenyene.

Izindi nkuru zivuga ko abakomeretse boba bashika batandatu, igipolisi kikavuga ko bariko baravurirwa mu bitaro.

Bivugwa ko umwe muri bo aremvye cane.

Igipolisi kandi kivuga ko abagizweko igitero bose ari abanyamahanga, ibinyamakuru na vyo vyo mu Butaliyano bikavuga ko ari abimukira b'abirabure.

Uko kurasana kwatanguye isaha 11:00 zo mu Butaliyano (10:00 GMT). Nk'uko urubuga rwa LA Repubblica ruvyandika, kandi ko uwo yitwaje inkoho yafashwe inyuma y'amasaha abiri, inyuma yo guhunga n'amaguru avuye mu modoka ku cibutso co muri ico gisagara.

Video y'igihe yafatwa iri ku mbuga Il Resto del Carlino yo mu Butaliyano yerekana umugabo yipfuze ibendera y'Ubutaliyano atwawe n'abapolisi.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Ansa rivuga ko uwagirizwa ico gitero w'imyaka 28 yagize indamutso y'abafasiste igihe yafatwa.