Olempike yo mu mbeho 2018

Abaserukiye Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyafrika mu nkino za Pyeongchang 2018

Menya abakinyi baserukiye umugabane wa Afrika mu nkino Olempike zo mu mbeho 2018 zibera i Pyeongchang muri Korea y'epfo.

Iyi karata igufasha kumenya abo aribo, ibihugu baserukira hamwe n'ivyo bashitseko. Uramenye kandi ico biyumvira kuri izi nkino.

Cisha curseur yawe ku foto, uyikandeko kugira umenye ibijanye n'umukinyi umwe umwe.

  • Akwasi Frimpong

    • Imyaka: 31
    • Igihugu: Ghana
    • Umukino: Skeleton (urukino rwo gusererekera kw’ibarafu uri ku rubaho)

    Akwasi Frimpong niwe yatanguje ishirahamwe ry’urukino Skeleton “Ghana’s national Bobsled and Skeleton Federation” (BSF-Ghana) mu 2016. 

    Frimpong yahora yiruka ariko munyuma aravunika aca arondera urundi rukino yokora. 

    Bifata imyaka ine gushika kuri itandatu kugira ngo ushobore guhiganwa no kwiga runo rukino kuberako ari urwo kunyaruka cane.
  • Sabrina Simader

    • Imyaka: 19
    • Igihugu: Kenya
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Simader, umuryango wiwe wimukiye muri Autriche igihe yari afise imyaka itatu, niwe wa mbere aserukira Kenya mu nkino za Olympique z’igihe c’imbeho nyinshi.  

    Uwo mukobwa yarahiganye mu 2013. Mu 2016 aserukira Kenya mu nkino za Olympique z’igihe c’imbeho mu gisata c’urwaruka i Norway. 

    Iyo wumva ingene unyaruka cane ugira ski, vyogusaza. Adrenaline iragusunika, ukumva woguma ugenda. Nico gihe kiryoshe.
  • Mialitiana Clerc

    • Imyaka: 16
    • Igihugu: Madagascar
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Mialitiana Clerc yize Ski afise imyaka itatu mu Bufaransa. Yakwije imyaka 16 mu kwezi kwa 11, itariki 16 mu 2017, ari mu banonotsi bakiri bato bari muri izo nkino.  

  • Samir Azzimani

    • Imyaka: 40
    • Igihugu: Morocco
    • Umukino: Cross-Country Skiing (Ski ikoregwa mu gace kagutse)

    Samir Azzimani yahora ahiganwa muri Alpine Skiing imbere yuko yimukira muri Cross-country Skiing.  

  • Adam Lamhamedi

    • Imyaka: 22
    • Igihugu: Morocco
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Uwo munya Canada afise amamuko yo muri Maroc, Adam Lamhamedi yatangaje abantu igihe abereye umunyafrika wa mbere atsindiye umudali w’inzahabu mu nkino za Olympique z’igihe c’imbeho zo muri Autriche mu 2012.  

  • Moriam Seun Adigun

    • Imyaka: 31
    • Igihugu: Nigeria
    • Umukino: Bobsleigh (gusererekera kw’ibarafu wicaye mu kamodoka gato)

    Seun Adigun niwe yatanguje umugwi wa mbere ukora urukino rwa Bobsleigh muri Nigeria. Uwo mugore niwe mudereva w’umugwi.   

    Uwo mukobwa yahora ari umunonotsi yarahiganywe muri 100m haies mu nkino za Olympique z’igihe c’ici i Londres mu 2012.  

    Si ibisanzwe…Nigeria ntiyari bwigere ironka uwuyiserukira mu nkino za Olympique z’igihe c’imbeho, abanyagihugu bazirindiranye igishika.”
  • Akuoma Omeoga

    • Imyaka: 25
    • Igihugu: Nigeria
    • Umukino: Bobsleigh (gusererekera kw’ibarafu wicaye mu kamodoka gato)

    Akuoma niwe mugore ajejwe gufata amafire mu mugwi wa mbere wa Bobsleigh watanguye mu gihugu ca Nigeria.  

    Aranafasha kurondera abakozi mu gisata c’ubuvuzi.  

  • Ngozi Onwumere

    • Imyaka: 26
    • Igihugu: Nigeria
    • Umukino: Bobsleigh (gusererekera kw’ibarafu wicaye mu kamodoka gato)

    Ngozi Onwumere ni umunonotsi ahiganwa mu kwiruka yigeze guserukira Nigeria mu nkino Nyafrika mu 2015. 

  • Simidele Adeagbo

    • Imyaka: 36
    • Igihugu: Nigeria
    • Umukino: Skeleton (urukino rwo gusererekera kw’ibarafu uri ku rubaho)

    Bitewe no guhagarika kuja mu mahiganwa ku kiringo c’imyaka icenda, Simidele Adeagbo yafatiye akarorero ku mugwi wa Bobsleigh wo muri Nigeria aca atangura gukina urukino rwa Skeleton.  

    Adeagbo niwe azoba abaye umunya Nigeria wa mbere ahiganywe muri urwo rukino mu nkino za Olympique z’igihe c’imbeho nyinshi.  

  • Connor Wilson

    • Imyaka: 21
    • Igihugu: South Africa 
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Connor Wilson yigiye ubu vétérinaire kuri Kaminuza ya Vermont muri Amerika. 

  • Mathilde-Amivi Petitjean

    • Imyaka: 23
    • Igihugu: Togo
    • Umukino: Cross-Country Skiing (Ski ikoregwa mu gace kagutse)

    Mathilde-Amivi Petitjean yahora mu mugwi w’Ubufaransa w’abakiri bato mu rukino rwa Cross-country Ski imbere yuko aja guserukira Togo, igihugu yavukiyemwo.  

  • Alessia Afi Dipol

    • Imyaka: 22
    • Igihugu: Togo
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Naho ata mamuko yo muri Togo afise, kandi akaba yaravukiye mu Butaliyano, Alessia Afi Dipol yahisemwo guserukira ico gihugu co mu burengero bwa Afrika. 

    Uyu mukinyi wa Alpine Ski yahiganiye ubwa mbere igihugu ca Togo mu nkino Olempike zo mu mbeho i Sochi mu 2014.  

  • Shannon-Ogbani Abeda

    • Imyaka: 21
    • Igihugu: Eritrea
    • Umukino: Alpine Skiing (urukino rwo guserereka kw’ibarafu ufise inkoni mu minwe uhonyoye ku mbaho)

    Abeda yakuriye muri Canada, mu ntango yipfuza kuba umukinyi wa Hockey ariko abavyeyi biwe biyumvira ko Ski ariyo yoba nziza kuri we.  

    Ni umugabo wa mbere aturuka muri Eritrea azoba aserukiye igihugu mu nkino z’igihe c’imbeho nyinshi.   

    Ndazi ko bitamenyerewe ku munya Eritrea nka jewe gukora urukino rwa Ski, ariko abanya Eritrea barakunda igihugu cabo. Iyo babonye uwiwabo ahiganwa canke aserukira igihugu ca Eritrea mu buryo bukwiye, bararyohegwa

Nyene ifoto:

Matthias Hangst/Getty Images, Dimitar Dilkoff/AFP/Getty Images, Francois Xavier Marit/AFP/Getty Images, Shaun Botterill/Getty Images, Christophe Pallot/Agence Zoom/Getty Images, Alexander Hassenstein/Getty Images, ALEXANDER KLEIN/AFP/Getty Images, Dean Mouhtaropoulos/Getty Images, Courtney Hoffos