Iminsi irabaye 6 biyandikishiriza amatora mu Burundi

Kwandika abazotora mu Burundi bigenda buke buke, ngo ariko bigenda neza
Image caption Kwandika abazotora mu Burundi bigenda buke buke, ngo ariko bigenda neza

Mu Burundi umunsi ugize gatandatu ku minsi 10 abanyagihugu bafise kugira biyandikishe kwitaba amatora y'ibwirizwa shingiro yo mu kwezi kwa gatanu n'ayazoba muri 2020.

Mu gisagara ca Bujumbura abiyandikisha baracari bake, ariko igitigiri c'abagore co ni gito cane.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu yazindutse kuraba aho igikorwa kigeze mu gisagara ca Bujumbura yasanze abagore bamase kwiyandikisha badashika na batanu kw'ijana.

Gaston Sindimwo yagize ati "Ngira n'ukubera bafise ibikorwa vyinshi''

Yabasavye kwiyandikisha ahandi ho ngo vyogorana ingene bazosaba nibura mirongo itatu kw'ijana bifuza mu nzego, badatoye canke batitoje.

Muri rusangi ariko umugwi ujejwe amatora CENI uvuga ko abantu bamaze kwiyandikisha mu gihugu barenga 56 kw'ijana.

Kuva igikorwa gitanguye ku munsi wa kane gushika ku wa mbere, kuri 4.452.679 bitezwe, hari hamaze kwiyandikisha 2.505.829.

Kwiyandikisha ku nguvu

Image caption Abagore biyandikisha mu gisagara ca Bujumbura baracari bake cane, nk'uko icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo, yabisanze

Gusa irya n'ino haravugwa ingingo zo gutuma abantu biyandikisha ku nguvu, muri reta bakavuga ko atari uko ibintu bitegerezwa gukorwa.

Nk'i Makamba na Rumonge vyavuzwe ko uyu munsi abakora mw'isoko bategetswe kubanza kuja kwiyandikisha imbere y'uko batangura imirimo yabo.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo avuga ko atari uko bitegerezwa gukorwa.

Yagize ati: ''Gushika ubu mu Burundi nta tegeko turashiraho ryo kwiyandikisha kugira umuntu aje gutora.

"Ababigira n'ukubahanura ko twokoresha ubwenge bwo kubigisha kugirango baje gutora.''

Guterera ku nguvu

Ni co kimwe n'imyidogo ijanye n'abasabwa ku nguvu intererano y'ayo matora yiyongera kuyo abakozi bakatwa ku mishahara.

hari ikete ryaciye ku mbuga hwaniro aho umuyobi w'ishure yasavye abakozi gutanga ibihumbi bibiri bibiri umwe umwe, nawe avuga ko vyasabwe n'abategetsi b'indero ku rwego rwa komine.

Gaston Sindimwo avuga ko uwudafise ataco bazomugira kubera ataterereye; avuga ko hari abategetsi badashoka bavyumva neza ariko ngo baja barakosora aho babonye udukosa.