Muri Gana abagore bafata ibinini ngo bibaruke abana b'inzobe

Abagore bibungenze muri Ghana barafata ibinini vyotuma abana bavuka ari inzobe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abagore bibungenze muri Ghana barafata ibinini vyotuma abana bavuka ari inzobe

Mu gihugu ca Gana, abagore bibungenze ngo bamenyereye gufata ibinini kugira ngo abana bakiri mu nda baze bavuke ari inzobe.

Abahinga mu vy'ubuvuzi bavuga ko ivyo binini bitarekuwe n'amategeko, bishobora gutuma abana bavuka bafise ibibazo, bikonona iminwa hamwe n'ibindi bihimba vy'umubiri.

Ikigo ca Ghana kijejwe ibiribwa hamwe n'imiti "Food and Drugs Authority" (FDA), kivuga ko gukoresha ibinini vyo mu bwoko bwa "Glutathione" ari bibi cane, kikavuga ko cipfuza ko abanyagihugu bamenya ko FDA ata muti irarekura utuma urukoba rw'umwana ataravuka ruhindura irangi.

Uwo mugenzo uragwiriye mu gihugu ca Gana nkuko FDA ivuga, ivyo binini bikaba bikunze kwinjizwa mu gihugu ari vyinshi, mu mizigo y'abantu ku bibuga vy'indege.

Naho ata cegeranyo kirasohogwa, ico kigo kivuga ko hari amashirahamwe yo kurereka yafashije gushira ahabona ivy'uwo mugenzo uri mu migwi y'abagore batandukanijwe n'uburyo.

Amashirahamwe ajejwe umutekano hamwe n'igipolisi, bariko bakorera hamwe ngo bafate bongere bashikirize ubutungane amashirahamwe n'abantu bafise ivyo binini bitemewe n'amategeko.

Ghana yaravuzwe cane mu binyamakuru mu kwezi guheze, igihe abarondera akazi mu gisata c'uruja n'uruza rw'abantu bankiwe basanzwe barigize inzobe canke bafise amaribori, mu gutinya ko bohava bakomerekera mu myimenyerezo.