Indirimbo za Diamond Platnumz ziri mu zaciwe muri Tanzania

Nassibu Abdul yitavye ibirori vya MTV Europe Music Award mu 2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Indirimbo Waka Waka na Hallelujah za Diamond Platnumz ubu zirabujijwe kuvuzwa muri Tanzania

Ikigo kijejwe kugenzura itumanaho muri Tanzania cabujije ko indirimbo zirenga cumi zo muri ico gihugu zisubira kuvuzwa ku maradiyo yo muri Tanzania.

Zibiri mu ndirimbo 13 zaciwe ni iz'umuririmvyi rurangiranwa muri Afrika y'ubuseruko, Nassibu Abdul, azwi cane kw'izina rya Diamond Platnumz.

Ikete ryavuye mu biro vy'ikigo TCRA ryandikiwe amaradiyo akorera mu muji wa Dodoma, hagati muri Tanzania, rivuga ko izo ndirimbo zirenga ku mategeko agenga insamirizi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Indirimbo Waka Waka, Diamond yaririmbanye n'Umunyamerika Rick Ross iri mu zibujijwe kuvuzwa muri Tanzania

Nyinshi muri izo ndirimbo zibujijhwe kuvuzwa ziri mu zikunzwe cane mu gihugu ca Tanzania, zikaba zivugije mu njana zitandukanye harimwo Hip Hop, uruvange rwa kama zo muri Tanzania hamwe na R&B.

Indirimbo za Diamond, Hallelujah na Waka Waka, aho aririmbana n'abaririmvyi rurangiranwa kw'isi, umugwi Morgan Heritage na Rick Ross, zimaze kurabwa inshuro zirenga imiriyoni 13 kuri Youtube kuva zasohoka, haciye amezi atandatu.

Kugirana ibiganiro

Uwutunganya ibikorwa vyiwe yabwiye BBC ko ata butumwa buvuye ku bajejwe intwaro bararonka ngo ariko biteguriye kugirana ibiganiro.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umugwi w'injana ya reggae wo muri Jamaica, Morgan Heritage, waririmbanye na Diamond indirimo Hallelujah, ubu ibujijwe kuvuga kw'iradiyo muri Tanzania

Mu vyigeze gushika, abahanzi bahagarikiwe indirimbo baragirana ibiganiro n'urwego rujejwe utugenengene kugira bahindure amajamabo yo mu ndirimbo imbere yuko bahabwa urusha n'abajejwe intwaro, indirimbo zabo zigasubira kwumvikana kw'iradiyo.

Soma kandi: