Abakozi bo mu kirombe 6 muri Afrika y'epfo bishwe baturiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibisi nk'iyi itwara abakozi bo mu kirimbwe muri Afrika y'epfo niyo yagabweko igitero
Abakozi batandatu bo mu kirombe muri Afrika y'epfo bahasize ubuzima igihe bisi barimwo yaterwa igisasu gikozwe mw'icupa ririmwo ibitoro.
Ishirahamwe ry'abakozi bo mu birombwe ryavuze ko abo bahasize ubuzima bahiye cane ku buryo bigorana kumenya abo ari bo, abandi barakomereka.
Zimwe mu ngenzi zashoboye kwikiza mu guca mu madirisha y'iyo bisi, yari ibatwaye ku kirombwe c'ubutare bwa platine i Modikwa, mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.
Iryo shirahamwe kandi rivuga ko icoba catumye abo bakozi bagabwako igitero kitaramenyekana.