Imyigaragamvyo yasubiriye i Gaza, 2 bahasize ubuzima

Isiraheli ivuga ko Hamas ihimiriza abantu kugaba ibitero Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isiraheli ivuga ko Hamas ihimiriza abantu kugaba ibitero

Abajejwe ivy'amagara i Gaza bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abandu babiri bakomeretsa abandi benshi mu myiyerekano y'Abanyepalestine ku rubibe na Isiraheli yasubiriye.

Igisirikare ca Isiraheli cavuze ko carashe abandi bari begereye ibirindiro vyaco bikingiye urubibe.

Abasirikare kandi bakoresheje ivyuka biryana mu maso ku migwi y'abantu bari bakoraniye mu bibanza bitanu.

Abanyepalestine basaba ko impunzi hamwe n'abazikomokako bemererwa gusubira ku butaka bw'abasokuruza babo ubu bufiswe na Isiraheli.

Ariko umuvugizi wa Isiraheli yagirije abarwanyi b'umugwi Hamas kuba bahimiriza abantu i Gaza ngo batere urubibe banice Abanyaisiraheli.

Ibindi bisa n’ibi