Impamyabushobozi ya kaminuza ku banyamakuru mu Bururundi

Abashingamateka bo mu Burundi
Image caption Abashingamateka ntibanyuzwe no gusaba impamyabushobozi mw'itangazamakuru

Abashingamateka bo mu Burundi bemeje itegeko rishasha rigenda itangazamakuru rigizwe n'ingingo zirimwo iyivuga ko umunyamakuru ategerezwa kuba afise diplome ya kaminuza mw'itangazamakuru.

Iyo ngingo iri muzatumye impari kuri iri tegeko ziba ndende, kuko abashingamateka bavuga ko bidashoboka mu gihe ata shure na rimwe ryigisha itangazamakuru mu Burundi.

N'ikigo bita Chaire Unesco cahora gitanga inyigisho z'ivyo kumenyeshamakuru giherutse guhagarara kubera amafaranga yatangwa n'Ububirigi.

Image caption Umushikiranganji Nestor Bankumukunzi avuga ko abashaka kwiga itangazamakuru bobikorera kuri internet

Ku basanzwe bari mu mwuga bafise impamyabushobozi bakuye mu bindi bisata bitajanye n'itangazamakuru, basabwa uburambe mu kazi bw'imyaka 3 baba bararonse imbere yuko iri tegeko rishasha ribaho.

Umushikiranganji ajejwe itangazamakuru, Nestor Bankumukunzi, asaba abipfuza kwiga umwuga gukurikirana inyigisho zo kuri internet( formation en ligne).

Abashingamateka bemeranije ko iyi ngingo yandikwa neza kugira ntihaze hagire Umurundi ashaka gukora itangazamakuru agakumirwa.

Impera n'imperuka ariko iryo tegeko rishasha rigenga itangazamakuru ryahavuye ritorwa n'abashingamateka bose bitavye uko bari 105.

Image caption Abashingamateka basavye ko ingingo batashimye zisubirwamwo zikandikwa neza

Ibindi bikubiye mw'itegeko

  • Hagiye gutangwa ikarata igenga umunyamakuru (carte de presse);
  • Abanyamakuru bakorera amaradiyo yo hanze nabo nyene bategerezwa kuryisunga;
  • Umuntu afise ubudahangarwa ntarekuriwe kuyobora iradiyo canke ikindi kinyamakuru ico arico cose;

Ibindi bisa n’ibi