Wenger ngo arondegwa n'imigwi myinshi

Arsene Wenger arangiza amasezerano y'akazi na Arsenal mu ci
Image caption Arsene Wenger arangiza amasezerano y'akazi na Arsenal mu ci

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yavuze ko atangajwe n'igitigiri c'abantu bipfuza kumuha akazi kuva amenyesheje ko agiye kuva muri uwo mugwi, agasaba umugwi kugena vyihuta uwumusubirira.

Uwo mugabo w'umufaransa azokinjura asezera aba Gunners inyuma y'urukino rwo ku munsi wa Mungu, bahura na Huddersfield.

Abavugwa ko bomusubirira ni umumenyereza wa Juventus Massimiliano Allegri hamwe n'uwahora amenyereza Barcelone Luis Enrique.

Wenger azoba agiye inyuma y'imyaka 22; ku kibuga Emirates akazokwibukwa ku rukino rwa nyuma yakinishije ku munsi wa Mungu bahura na Burnley batsinze 5-0.

Uwo mugabo w'imyaka 68 yavuze ko azobanza gufata akaruhuko, imbere yuko amenyesha iyo agiye.

Abajijwe ko hari abamaze kumurondera ngo bamuhe akazi, Wenger yishuye ati: "Ni benshi kurusha ukwo navyibaza!

"Muri kino gihe nshinze ijisho mu gukora neza akazi. Nta na kimwe ndasuzuma canke ndahitamwo. Nipfuza gukora neza gushika ku munsi wa nyuma nkuko bitegekanijwe mu masezerano, munyuma nzoruhuka gato nce menya ico nkora."

Allegri agiye gushikana Juventus ku ntsinzi ya kane yikurikiranya mw'ihiganwa rya Serie A, niwe avugwa cane mu bosubirira Wenger ariko hakaba kandi Luis Enrique na Carlo Ancelotti.

"Nibaza ko uwoza wese yoza kare," niko Wenger avuga abajijwe ko uwomusubirira yoza imbere y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, ariko ntiyavuze uwo we yipfuza.

"Abantu bipfuza ko icizere kigaruka, abakinyi bagategura ihiganwa rikurikira. Nta bakinyi benshi umugwi ukeneye, kuko harimwo benshi ubona ko bafise ubushobozi.

Wenger agiye gusezera asize umugwi mu kibanza ca gatandatu, ubwa mbere urangirije muri ico kibanza kuva atangura kuwumenyereza.

Agiye umukuru w'umugwi (capitaine) Laurent Koscienly agiye guhagarika inkino ku kiringo kitari munsi y'amezi atandatu, inyuma yaho avunikiye ku munsi wa kane uheze bahura na Atletico, urukino Arsenal yatsinzwemwo 1-0.

Ibindi bisa n’ibi