Abana 400000 bageramiwe n'inzara muri RD Congo

Abana 400000 bageramiwe n'inzara muri RD Congo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abana 400000 bageramiwe n'inzara muri RD Congo

Abana 400000 barageramiwe n'inzara mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo), niko umuryango mpuzamakungu Onu uvuga.

Imiryango iharugwa mu bihumbi mu ntara ya Kasai yahungiye mw'ishamba, aho yamazeyo amezi itagira ico ifungura ikabura n'amazi, bamwe muribo baja bamaze gupfa.

Intara ya Kasai, imwe mu zitunze cane kandi yarangwamwo amahoro muri Congo, yatanguye kwinjira mu ndyane mu 2016.

Mu kwezi kwa 12 mu 2017, Onu yavuze ko ingorane ziri muri Congo zimaze kurenga urugero rwa nyuma rw'ubutabazi - nko mu bihugu vya Yemeni, Syria na Iraki.

Ikigo ca Onu citaho abana Unicef casavye amahera angana n'imiliyoni 88 z'amadolari, ngo gishobore gufasha muri Kasai.

Umuvugizi wa Unicef, Christophe Boulierac avuye mu rugendo muri iyo ntara ya Kasai, avuga ko ibintu biteye agahinda.

"Naraguye mu gahundwe kuvyo nabonye yo," niko yabwiye BBC.

Bwana Boulierac avuga ko yatembereye mu bitaro bitatu, ahasanga abana bagira bicwe n'inzara. Asubiyeyo inyuma y'iminsi mike asanga benshi muribo barapfuye.

"Ntituriko turavuga ko abana bashobora kwicwa no gufungura nabi muri Kasai, tuvuga ko abana bariko barapfa, bariko barapfa, barapfuye mu gacerere mw'ishamba".