Algeria mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Judo ryabereye mu Burundi

Ihiganwa ryari ryitabwe n'ibihugu 17
Image caption Ihiganwa ryari ryitabwe n'ibihugu 17

Ihiganwa ryo ku rwego rwa Afrika ry'umukino wa Judo ry'urwaruka rufise imyaka iri munsi ya 20 ryari rimaze imisi itatu ribera i Bujumbura, ryarangiye kuri uno w'imana igihugu ca Algeria gitahukanye ikibanza ca mbere.

Igihugu ca Algérie nico kiza ubwa mbere kikaba gifise imidari 6 y'inzahabu, 3 y'umujumbu, 5 y'umwakaka.

Mu kibanza ca Kabiri haza igihugu ca maroc gifise imidari 3 y'inzahabu, umudari umwe w'umwakaka n'uwundi umwe w'umujumbu.

Ikibanza ca gatatu catahukanywe n'igihugu ca Misri n'imidari ibiri y'inzahabu, 8 y'umujumbu, 3 y'umwakaka.

Image caption Igihugu ca Algérie nico kiza ubwa mbere kikaba gifise imidari 6 y'inzahabu, 3 y'umujumbu, 5 y'umujumpu

U Burundi buza mu kibanza ca kane, bukaba bufise umudari umwe w'inzahabu, itatu y'umwakaka n'itatu y'umujumbu.

Ihiganwa ryari ryitabwe n'ibihugu 17, ariko u Rwanda ntirwitavye iryo higanwa.

Ihiganwa rya Judo ryo mu mwaka uheze ryari ryabereye mu gihugu ca Tuniziya.

Ibindi bisa n’ibi