Mu gikombe c'isi c'abana bo mw'ibarabara u Burundi bwakuwemwo na Uzbekistan

U Burundi bwari bwitwaye neza muri izo nkino
Image caption U Burundi bwari bwitwaye neza muri izo nkino

Mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru w'abana bo mw'ibarabara ririko rirabera mu gihugu c'Uburusiya, u Burundi bwakuwemwo na Uzbekistan mu ca kabiri c'ihiganwa ku gitego 1-0.

U Burundi bwari bwitwaye neza muri izo nkino aho bwatsinze Indonesia 2-0, butsinda Brezil ibitego 4-1, hanyuma bwongera buratsinda kandi igihugu ca Bielorussie ibitego 3-0.

U Burundi bukaba buzokina urukino rwo guhatanira ikibanza ca gatatu ku munsi wa gatatu aho bazotana mu mitwe na Indonesia.

Urukino rwa nyuma mu bahungu ruzohuza Pakistan na Uzbekistan.

Iryo higanwa ryitabwe n'abana bo mw'ibarabara barenga 200 bavuye hirya no hino kw'isi ubu bakaba bakoraniye i Moscow.

Image caption U Burundi buzokina urukino rwo guhatanira ikibanza ca gatatu

Abakobwa n'abahungu baje baserukira imigwi 24 nserukirabihugu y'abana baba mw'ibarabara, mu rwego rwo gukangurira abantu ko abo bana na bo bakeneye kwitabwaho co kimwe n'abandi bana bose.

Ibindi bisa n’ibi