Nyuma ya Sudani, hasigaye Zambia ngo u Burundi buje muri CAN U20

Mu rukino rwa mbere Sudani yari yatsinze 1-0
Image caption Mu rukino rwa mbere Sudani yari yatsinze 1-0

Inyuma yo gutsindira iwabo umugwi wa Sudani ibitego 2-0, u Burundi butegerezwa gutsinda Zambia kugira buje mu nkino z'igikombe ca CAN c'abatarenza imyaka 20 muri Niger mu 2019 .

Mu rukino rubanza rwabereye mu Burundi, Sudani yari yatsinze Uburundi igitego 1-0.

Igitsindo ca mbere cinjijwe na Shaka Bienvenue ku munota wa 82, ica kabiri cinjizwa na Titi Mavugo ku munota wa 87.

Mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi akamwemwe ni kose, mbere uwurirongoye Reverien Ndikuriyo akaba yabemereye agashimwe ka miliyoni 15 z'amafaranga y'amarundi.

Image caption Imbaza zitegerezwa gutsinda Zambia kugira zishobore kuja muri CAN U20 mu 2019

Abo bakinyi b'intamba mu rugamba badashikana imyaka 20, ni bake babaha amahirwe yo gutahukana intsinzi uravye amakuba bagize bagishika mu gihugu ca Sudani.

Bamaze amasaha indwi ku kibuga c'indege batararonka uwubakira.

Ibindi bisa n’ibi