Amerika mu matohoza kubasumye urusaku mu myiyamamazo ya Trump

President Donald Trump delivers remarks during the Prison Reform Summit at the White House in Washington, 18 May 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption President Trump kenshi akoresha twitter iyo afise ico ashaka gushikiriza

Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika buzogira amatohoza yo kumenya nimba abakozi ba FBI barasumye urusaku mu myiyamamazo ya Donald Trump yo mu 2016.

Muri Twett, Trump yavuze ko ashaka kumenya nimba uwo yasubiriye yaratanze uruhusha rwo gukora ivyo bintu.

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho bimwe mu binyamakuru vyo muri Amerika bivugiye ko FBI yari ifise abantu yaguba abonana n'abari mu myiyamamazo ya Trump.

Mueller 'aragabisha Trump ko ashobora kurengutswa kwisigura'

Trump: Isakwa ry'ibiro vy'umushingwamanza Michael Cohen'ni ibiterasoni'

Trump arabeshuza ko ashaka kwirukana umunyamategeko Mueller

Icegera c'umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein yavuze ko ingingo zizofatwa mu gihe hoba harabaye ubwo busumyi bw'urusaku.

"Mu gihe hoba hari uwiyoberanije canke yacunze abari mu myiyamamazo ya prezida kubera inyifato itabereye, turakeneye kubimenya hanyuma hafatwe ingingo bijanye," ni ko Rosenstein yabishikirije mw'itangazo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mueller aremewe mu mpande zose mu banyepolitike b'impande zose muri Amerika

Hasanzwe hari amatohoza ariko arakorwa ku bintu bimwe bimwe bijanye n'ukwiyamamaza kwa Trump mu 2016 , kandi n'uko Uburusiya bwoba bwaragerageje kuyivangamwo.