Muri Kenya, umuryango w'aborozi b'impene witwariye abanye Bulaya

Intama igerageza kwikiza inyota Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubugararwa bubangamiye uturere twa Kenya, n'ibitungwa nta mazi bikironka

Imiryango itandukanye mw'isi yitwariye umuryango w'ibihugu vya Bulaya iwagiriza ko imigambi yabo yo kurwanya ihindagurika ry'ibihe itubahiriza ubuzima bwabo.

Umuryango w'aborozi b'impene muri Kenya ni bamwe mu bahagurutse mw'isi, bashingisha urubanza bitwarira umuryango w'ubumwe bwa Bulaya.

Imvo n'uko wananiwe kubakingira, bo n'ivyabo, ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.

Umuryango wa Guyo, umwe mu yindi irenga icumi yitwaye, uba mu buraruko bwa Kenya, ku mupaka ico gihugu gihana na Etiyopiya.

Babwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ibihe vy'ubushuhe budasanzwe vyarwiriye cane, bikanatuma amagara ndetse n'ivyirwa vy'abana babo bibangamirwa.

Roba Nguyo, serugo mur'uwo muryango avuga ati, "Turabangamiwe gose n'ubushuhe budasanzwe, ku ngero zitandukanye z'ubuzima bwacu".

Yanongeye ati, " Amazi arakenye cane, kuri twebwe, ndetse no ku bitungwa vyacu. Ikibabaje kuruta ni amagara y'abana banje abangamiwe".

Mur'ako karere, ubushuhe burashika ku gipimo ca 40, aho naho nko kubana biragoye ko bagira ico bakoze.

Imiryango yitwaye ishika kuri 10, harimwo iy'aba Faransa b'abarimyi-borozi, canke nk'umuryango w'abanya Bulaya mu buraruko, bakunze kugisha.

Ibirego vyabo bifatiye ko imigambi ya Bulaya yo kurwanya ihindagurika ry'ibihe, ifatiye kukugabanya ivyuka vyonona uruhimbi rw'isi, ihangiro ryo gushika ku rugero rwa 40%, basanga rutubahiriza agateka kabo ko kubaho.

Ibindi bisa n’ibi