Umushikiranganji wambere mushasha w'Ubutaliyano yitezwe ko vyinshi

Imyiyerekano mu Butaliyano Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu kwa kabiri, aba Taliyano biyamiriza ubuzima buzimvye n'ikurwa mu buzi ry'abakozi

Carlo Cottarella yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubutaliyano ashikiye mu bibazo vyinshi kandi bitoroshe, muvya politike n'ubutunzi.

Nijoro niho Perezida Mattarella yanse urutonde rw'abagize leta, rwatanzwe n'imigambwe ibiri -Five Star na The League- yatorewe kurongora Ubutaliyano.

Yahisemwo Carlo Cottarelli, umuhinga muvy'ubutunzi nk'umushikira nganji wambere w'imfata kibanza w'Ubutaliyano.

Yahora akorera ikigo mpuza makungu gitunganya ivy'amahera mw'isi -FMI-.

Uyu muhinga Cottarelli avuga ko ari iteka yatewe, naho azi ko ashobora kutazoteba mur'ico kibanza.

Inani zihurikiye mu migambwe yitwa Five Star na The League, zamaze kumenyesha ko itagiye kumwemera, ni yashikanwa mu nama nshinga mateka.

Carlo Cottarelli nawe yaciye avuga ko, bigenze uko azoca atanga imihoho.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikira nganji mushasha Cotarella amenyesha ko adahurijwe ko n'abanye politike azotanga imihoho

Mur'ico gihe amatora adasanzwe yoca atunganywa mu kwezi kw'umunani. Ivyo navyo nivyo iyo migambwe yifuza.

Bashaka kuja mu matora, hanyuma biyamamaze biyamiriza ivyo biyamiriza.

Igikuru muri vyo n'uko Ubutaliyano, co kimwe n'ubumwe bwa Bulaya muri rusangi, bifise inzego n'itunganywa bitajanye n'ugushaka kw'abanya Bulaya

Izi nani z'imigambwe zandurukiye mu bibazo vya politike n'ubutunzi igihugu c'Ubutaliyano kimazemwo igihe.

Muri make, iyo migambwe ibona ko Ubutaliyano hamwe n'ubumwe bwa Bulaya muri rusangi, butwawe n'uturwi tw'abanyamahera, tudashira imbere inyungu z'abene gihugu.